Umuririmbyi Mwiza Claudine, ku isabukuru ye y’amavuko, yasangije abanyarwanda n’ishuti ze amagambo meza.
Ni Mwiza Claudine ari we Didia abandi bamuzi cane mu ndirimbo mpimbaza Mana cane mu gihugu c’u Rwanda. Ni na Claudine Mwiza uyu musi ariko ahimbaza isabukuru yiwe y’amavuko, aho ejo mw’ijoro igihe c’isaha zitandandu yaganira na paradise Rwanda biciye kuri ambassadeur wayo ukorera iburundi, yamubujjije ikibazo kuvuga giti?
Niki wosangiza abanyarwanda cangwa se abakunzi bawe muri rusangi kuri uyu musi wizihiza isabukuru yawe y’amavuko?. Ico yasubije avuga ubwambere yashimiye Imana kuba ikimukomereje mu murimo wayo ndetse akanayisaba kumwongera imbaraga zokuyicira bugufi muri byose.
Arashimira abakunzi biwe uburyo buri gihe bamuba hafi bakamwereka urukundo bamufitiye ivyo bituma yumvako akunzwe cane kandiko ari mumuhamagaro wiwe.
Uyu mukobwa n’umwe mubakobwa bakunzwe cane mugihugu c’urwanda ndetse mubihugu bigize umuryango wa afrika y’ubuseruko yamaze kw’igarurira imitima y’abantu benshi cane.
Claudine Mwiza yatanguye kumenyekana mu ndirimbo yitwa Kukidendezi ya korali Ukuboko kw’iburyo yo muri ADEPR Gatenga, nyuma yaho rero umuhamagaro wiwe wo kuririmba urakomeza.
Vyabaye ngombwa ko atangura kubikora nk’umwuga aho yahavuye abandaniriza ico gikorwa mu mirwi itandukanye aho twovuga nka Alarm ministries, Ben&chance ministries, James and daniella, Prosper nkomezi, Bosco nshuti, Danny Mutabazi nahandi hatandukanye bahora bamutumako kubera ubuhanga afise mukuririmba.
Mu gusozera twobamenyesha ko mu kwezi guheze uyo mukobwa nyene yari yatumiwe mu gihugu ca tanzaniya aho yari yagiye guteramisha abanyatanzaniya ico gihe avuyeyo agishika mw’ijoro ikigali yaraganiriye ikinyamakuru Paradise ko yari yitabiriye ubutumire bukomeye cane ku buryo bitakunzeko aboneka no muri live recording ya Ben & Chance yabereye i Nyarutarama aho yagaragajeko yishimye cane kuba asigaye ari bitumwako mu makungu kwamamaza ubwami bw’imana.
Mu makuru y’ibanga dufise nuko mu misi mike cane ashobora kuzoba ari mu gihugu ca Kenya ajanye n’itsinda rya James and Daniella, reka tumwipfurize amahirwe masa mu murimo w’Imana kandi twongera tumwipfuriza n’isabukuru nziza Imana ikomeze imirimo y’amaboko yiwe.
Mu makuru y’ibanga dufise nuko Claudine Mwiza mu misi mike cane ashobora kuzoba ari mu gihugu ca Kenya ajanye n’itsinda rya James and Daniella