× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Burundi: Umusi w’igikorane categuwe na Penuel Missionary Church


Burundi: Umusi w'igikorane categuwe na Penuel Missionary Church

Nk’uko twari twabibashikirije mu nkuru yacu twabashikirije mu misi iheze, ko Penuel Missionary Church yabateguriye igikorane tariki 16/04/2023 niho caba.

Ambasaderi wa Paradise.rw i Burundi yashikiye mu kibanza ico gikorane cabereyemwo naho sahandi ni mw’ishengero rya Holy Center mu ntagaruke. Nk’uko vyari vyanditsweko kizotangura isaa icenda (15h) z’umurango mu masaha y’iburundi no murwanda niko vyagenze.

Holy Sound niyo yari iteramishije ishengero mu ndirimbo zo guhimbaza Imana no gutazira aho vyaboneka neza ko bari biteguriye ico gikorane uravye ukuntu bariko bavyifatamwo neza ivyo vyatumye ishengero ryose riba mubihe vyiza vyo guhimbaza Imana.

Pastor David yageze ku ruhimbi (Podium) nawe ahimbazanya na Holy Sound umwanya utari muto, ubwo barangije ashimira Holy Sound kuba bavyifatamwo neza. Pastor David yaciye asoma ijambo ry’Imana riri mugitabo c’uwavugishwa n’Imana Yesaya 66:19 ariho hari n’urufatiro rw’igikorane.

Arangije gusoma iryo jambo ry’Imana yaciye aha umwanya abayumbe (MINISTERE Y’ABANAZIRI MU BURUNDI) batambira Imana mugisirimba mugihe ishengero ryose ryariko rirashikanira Imana amashikanwa n’ibigiracumi.

UMWANYA W’INTAHE

Icegera c’umuyobozi w’abavugabutumwa Maman Apostle yafashe umwanya wogushimira Imana kubw’abavugabutumwa ashimira n’ishengero ryose rya Holy Center Church kuba ryabahe aho gikorera igikorane avuga na viziyo yaryo "ISI IBWIRWE UBUTUMWA BWIZA ITUNGE ITUNGANIRWE."

Yongera ashimira Imana kuburyo yabanye nabo mw’ivugabutumwa bakoze kumusi w’agatandatu, aho abantu benshi bakiriye Yesu Krsito nk’umwami n’umukiza w’ubugingo bwabo.

Pastor David umuyobozi wa programu y’igikorane yaciye aha umwanya umwungere Pastor Peter kugira yakire abashitsi nawe akigera kuruhimbi (Podium) yifashishije ijambo ry’Imana riri mugitabo c’uwavugishwa n’Imana Yesaya 61:1....aca yibutsa ishengero ryose ko bakeneye amavuta y’urugendo.

UMWANAYA WO KWAKIRA ABASHITSI

Pastor Peter yakiriye aba Pastor baje bavuye mugihugu kibanyi c’urwanda aribo Pastor Rose na Pastor Bruce, yakira abakozi b’Imana Bose bo mw’ishengero rya Holy Center Church yakiriye Muri rusangi abaraho Bose.

UMWANYA W’IJAMBO RY’IMANA

Pastor Rose ageze kuruhimbi (Podium) imbere yuko yigisha yabanje gusaba umurwi wa Holy Sound kuza kuririmba indirimbo kugira ngo batambire Imana bahejeje yaciye asoma ijambo ry’Imana riri mugitabo c’umusiguzi 12: 1-13 rifise urufatiro ruvuga ngo "MWIBUKE UMUREMYI WANYU".

Umuvugabutumwa bwiza bwa Yesu Kristo yavuze kuri salomo umwami w’abisirayeli yanditse ibitabo bitatu arivyo imigani umusiguzi, n’indirimbo.

Imana ikimunezererewe yanditse igitabo c’imigani, munyuma abagore bamaze kumukura ku Mana Imana yicuza kuvyo yari yarasezeraniye se Dawidi maze Imana imwambura ubwami icumi umusigariza ubwami bubiri gusa, kuko yari yarimuye Imana mu mutima wiwe ico gihe yanditse igitabo c’indirimbo. Mwibuke ko yarafise abagore igihumbi kandi umwe wese yarafise Imana yiwe asenga.

Abagore amajana indwi n’incoreke amajana atatu, mwibukeko yagiye nokurondera uw’igihumbi narimwe aramwankira. Igitabo c’umusiguzi yacanditse amaze kunzanzamuka agaruye ubwenge.
Yabwiye ishengero kwama bibuka umuremyi wabo imisi mibi itaraza, acavugako imisi mibi ishobora kuza muburyo bwinshi butandukanye ariko ntibize bitume uva Ku Mana.

Yaciye atanga akarorero mukubashingira intahe ingene yarwaje umwana wiwe w’umukobwa afise imyaka 36 y’amavuko ariko ntivyamubujije kuza Mu mirimo y’Imana mugihugu c’uburundi, yaciye asaba ishengero ryose gukomera ntibakangwe n’imisi mibi.

Yavuze no kuri Dawidi umwami w’abisirayeli gato imbere yuko arangiza kwigisha avuga ingene Dawidi imisi mibi yamujeko abandi bari kurugamba nawe asigara iyerusalemu arunguruka amugore wa uriya umuheti aramusambanya avyarana nawe kandi vyatumye Dawidi aho yarageze muzabukuru bamuzaniye agakobwa ko kumufumbatira ariko ntiyakabona kuko yari yaramaze kuba impumyi.

Yasozereye avuga amajambo y’Imana ari mugitabo c’umusiguzi 12 :13 ati "VYOSE VYARUMVISWE N’UKUBAHA IMANA.".

UMUVUGABUTUMWA BWIZA BWA YESU KRISTO AGIRA KABIRI YIGISHIJE NI PASTOR BRUCE

Yatanguye ashinga intahe ingene Maman wiwe yamubwiye ati mwana wanje niwava Muri yesu kristo so wawe ntabisigi yansigiye niyo nzu ubona nijewe nayubatse hamwe n’Imana niwabivamwo ivya yesu kristo ntuzonsabe ibisigi umurage nguhaye nuwo kuguma muri Yesu Kristo.

Yavuze uburyo agendana amavuta y’urugendo akayakoresha mu rugendo rw’ivugabutumwa.
Aca avuga amajambo y’Imana akomeye cane aho ngo benshi bigishijwe kuba Abavugabutumwa aho kuba abajana butumwa, yavuze ko umujanabutumwa afise viziyo yokujana ubutumwa bwiza bwa Yesu barondera imitima ibabaye ishaka kwakira yesu kristo nk’umwami n’umukiza w’ubugingo bwabo.

Yavuze kandi ko umuvugabutumwa aharanira kuvugira ubutumwa kuruhimbi (Podium) gusa, mu “gihe” umujanabutumwa afise gukomeza amaguru akajana ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo mu babukeneye.

Yababwiye ko atari abasivile Kuko bobo bavuga ngo nzokorera Imana niyamara kunkorera ibi n’ibi.
Ariko special Force aribo bajanabutumwa yoyo yama yiteguriye kuja gutabara.

Yongeye abwira abajanabutumwa ati nimwakira viziyo y’Imana nayo izobashigikira.
Umuvugabutumwa ariko arigisha yashimiye Ambasaderi w’ikinyamakuru Paradise.rw amusabira n’umugisha kuba yaje mu murimo w’Imana.

Yagishije avuga ko iyo uri muri mw’ihishurirwa ry’Imana ugakora neza misiyo y’Imana amafaranga aragukurikira, yabwiye ishengero ko bafise abana Imana yahaye ihishurirwa ariko bafise abamanaga badafise iyerekwa canke ihishurirwa ivyo bituma abo bana bapfa badashitse Imana yabasezeraniye kuko bimatanije n’abataribo.

Yatanze akararorero ingene yamaze imyaka 5 arongoye ivugabutumwa ariko atarigera aja kuruhimbi (Podium) kuvuga ubutumwa kandi mama wiwe ariwe yarahagarariye iryo shengero imbere y’amategeko.

Yibukije abajanabutumwa ko batabasengera ngo bajane ubutumwa ahubwo ari kugirango batahure misiyo barimwo. Yongeye arabibutsa ko bafise igikorwa cokuzana iminyago bakayishikiriza abungere (, pastors), nabo bakayikurikirana.

Mu gusozera yavuzeko atamu Kristo asanzwe ahari kuko bose aba ari abavugabutumwa kandi bakwiye kubibamwo Kuko bakiriye Yesu Kristo, bategerezwa kuba abajana ubutumwa nka wa mugore w’umusamaliyakazi yahuye na yesu kristo ahita ajana ubutumwa azana abantu benshi kuri Yesu Kristo.

Umujanabutumwa n’umuntu yigeze kubaho ata Mana afise ariko munyuma arayibona , ivyo bituma ajana ubutumwa kubandi badafise Imana, umujanabutumwa yumva Imana kandi akayumvira.
Yaciye asenga isengesho ryo gushimira Imana kubw’ijambo ryayo.

Pastor Peter yashimiye Imana yibutsa ishengero ko cari igikorane cogusengera abajanabutumwa bwiza bwa Yesu Kristo.

Yaciye asaba Pastor Bruce na Pastor Rose gusengera abashaka kuba abajanabutumwa. Mw’isengesho ryo gusozera pastor Peter yasengeye ishengero ryose maze abanaziri bahimbaza Imana mugisirimba ishengero ritahukana amahoro.

Isaha imwe y’ijoro n’imibare icumi n’itanu 19h15’) mu masaha y’i Burundi no mu Rwanda.

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is moderated before publication: your contribution will only appear after being validated by an administrator.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.