Umurwi wa Alarm Ministres watumye abantu benshi i Burundi basubira kuba mu bihe vyiza vyo gutazira Imana.
Hari isaha zibiri zo mu gatondo mu masaha mpuzamakungu (8h00’ GMT) ni ukuvuga ko zari isaha zine zo mu gatondo mu masaha y’i Burundi no mu Rwanda hari kumusi wa gatanu, aho niho umurwi w’abaririmvyi ba Alarm Ministries bahaguruka mu gisagara ca Kigali berekeza mu gisagara ca Bujumbura baciye mu nzira yo kubutaka ku mupaka wo mu kirundo aho bita Gasenyi Memba.
Bashitse ku mupaka bakiriwe gute ?
Leta y’i Gitega ibicishije kuri Guverineri w’intara ya Kirundo ariwe yagiye kubakira, vyagarageye ko babakiranye umunezero mwinshi cane goseeee kuko kuva mu kirundo kugera i Bujumbura baciye babaha aba police bagenda babacungereye kugeza bashitse aho bategerezwa gushika.
Icatangaje abantu benshi ni uko abo ba police bataciye basubira inyuma ahubwo nabo baciye barara mu giteramo babara barasenga bukeye babona kugenda.
Mbega bari batumiwe na bande ?
Umurwi w’abaririmvyi ba Alarm Ministries wari watumiwe na Adonai Ministries ikorera mu ishengero rya Agape riri mu gisagara ca Bujumbura, komine Mukaza, zone Bwiza muri quartier ya Jabe, abo nibo bari batumiye Alarm Ministries.
Igikorane c’imisi itatu kikaba cabereye mu rusengero rwa Eglise Mesianique pour la guérison des âmes riri mu Nyakabiga ryatangujwe n’intumwa Sostene Serukiza ubu akaba akorera umurimo w’Imana mu gihugu kibanyi c’u Rwanda.
Mbega Alarm Ministries yashitse mu gisagara ca Bujumbura isaha zingahe ?
Paradise.rw yashoboye kuganiriza umucuraranzi wa piano abenshi bazi cane yitwa Musabwa, yatubwiye ko bashitse i Bujumbura isaha icenda z’ijoro (3h00’) mu masaha y’i Burundi no mu Rwanda bitewe nuko imodoka yagize ikibazo mu nzira bituma bashika ayo masaha. Paradise.rw yaramubajije n’ibindi vyinshi ahanini bimwerekeye nawe aravyishura.
Mu mwanya muto twaganiriye na Claudine Mwiza wari wazananye n’umurwi w’abaririmvyi ba Alarm Ministries vyagarageye ko yishimiye kwongera kugaruka mu gihugu c’u Burundi. Yaravuze ati "Nubwo nasaraye twaraye dukoze cane ariko nishimiye kuba nahageze amahoro y’Imana". Tubibutse ko yaheruka mu Burundi mu mpera z’umwaka wa 2022 mu kwezi kwa 12 ari kumwe na James and Daniella.
Umwungere mukuru w’ishengero rya Guérison des âmes yarashimiye cane goseeee Adonai Ministries kuba yateguye igikorane c’imisi itatu kandi ikaca igikorera muri iryo shengero, abemerera ko nabasubira gutegura ikindi gikorane bazogaruke abahe aho bakorera.
Yongeye ashimira bimwe bivuye ku mutima umurwi w’abaririmvyi ba Alarm Ministries kuba bongeye kugaruka muri Guérison des âmes inyuma y’igihe kitari gito bataza bitwe n’impamvu zari hagati y’ukutumvikana kwari hagati y’abanyepolitike bo mu Burundi no mu Rwanda hamwe kandi n’ikiza ca Covid-19 catumye bataza guteramira abarundi.
Yongeye amenyesha ko iryo shengero rya Guérison des âmes rigitangura mu Burundi Alarm Ministries ariyo yari irishigikiye cane mu kuriba hafi.
Umukozi w’Imana yazananye n’umurwi w’abaririmvyi ba Alarm Ministries yarashimiye cane ubuyobozi bwa leta y’i Burundi ingene babakiranye umunezero mwinshi cane bakongera bakabaha n’ingabo z’aba police zibaherekeza kuva mu kirundo kugera i Bujumbura.
Muri iyo misi yose mu gikorane iyo Alarm ministries yaba iriko iririmbira Imana, ishengero ryose ryaca rihagurukira rimwe rigafatanya na Alarm ministries kuririmba, twabonye ingene uwitwa Claudine Mwiza ashikiriwe kuririmba ishengero ryose ryaca rihagurukira rimwe rigakoma amashi.
Vyagarageye ko bamukunze kuko bari bamuzi mu ndirimbo za korari Ukuboko kw’iburyo ndetse no mu ndirimbo za Prosper Nkomezi, Ben and Chance n’izindi.
Alarm ministries yatumye abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura bongera kugira ibihe vyiza cane vyo guhimbaza Imana ku buryo vyagarageye ko batashaka ko Alarm ministries iva kuri podium mu gihe yaba iriko iraririmba.
Ku musi wa mbere w’igikorane ariwo wa gatanu baraye mu giteramo maze kuwa Gatandatu mu gatondo bararuhuka, ku mugoroba mu ma sakumi bongera baba mu bihe vyiza vyo gusenga Imana no gutazira Imana.
Ku musi w’Imana ariwo wa nyuma w’igikorane Alarm ministries yongeye kwandika amateka akomeye atazibagiranwa mu mitima y’Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura.
Claudine Mwiza umwe mu bagize Alarm Ministries
Tubibutse ko hari haje na Alarm ministries yo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo (RDC), hari abayumbe bo mu Burundi, Adonai light na Gisubizo Ministries yo mu Burundi.
Ni week end itazibagiranwa mu baba i Bujumbura kuko uravye abantu bari bitabiriye ico gikorane bari benshi cane kandi vyagaragaye ko bari banezerewe cane.
Umusi wa mbere igikorane caraye giheze Alarm Ministries yarashoboye kuja ku kiyaga ca Tanganyika aho bafashe ibihe vyiza vyo kunezerererwa akayaga k’ikiyaga Tanganyika, kurya umukeke mbere bafata amafoto kugira bazoshike bayerekana mu bari mu gihugu kibanyi c’u Rwanda.
Inyuma yaho baciye bafata urugendo berekeza mu gisagara ca Kigali mu Rwanda hari isaha zitanu zo mu gatondo (11h00’). Tuganira na Claudine Mwiza nk’isaha zine z’ijoro (22h00’), yatubwiye ko bashitse i Kigali amahoro.
Hashimwe Imana yabanye na Alarm Ministries kuva ku musi wa Gatanu kugeza ku musi wa mbere aho basubiriye i Kigali bagashika amahoro y’Imana. Imana ikomeze kubahezagirira ibikorwa vy’amaboko yabo.
Alarm Ministries yanditse amateka i Burundi
RYOHERWA N’INDIRIMBO "IJAMBO RY RIRAREMA" YA ALARM MINISTRIES