Umuririmvyi w’indirimbo zo guhimbaza Imana Uwiringiyimana Theogene ava mu gihugu kibanyi c’u Rwanda benshi bazi cane kw’izina rya Theo Bosebabireba, yagaragaye bitunguranye mu mashengesho yateguwe na Enhakkore Center Church Iriba ry’Uwambaza.
Ku musi ugira kabiri w’amasengesho y’imisi 21 yateguwe n’ishengero rya Enhakkore Center Church Iriba ry’Uwambaza, mu gihe bari mundwi ya mbere yayo iriko yigishamwo Pastor Damascene w’ik Kigali mu ishengero rya Pentecôte aho yigisha ku majambo avuga ku kwizera icarico.
Umukozi w’Imana umuririmvyi w’indirimbo zo guhimbaza Imana, Uwiringiyimana Theogene ari we Theo Bosebabireba, nawe yabaye muri ayo masengesho bitunguranye kandi aririmba n’indirimbo yiwe "Ineza y’umuntu niyo imutera gukundwa".
Théo Bosebabireba yagaragaje umunezero kandi yemerera umwungere mukuru w’iryo shengero Apôtre Nuru Niyonkuru hamwe n’ishengero ryose, ko no ku musi ukurikira azaba ahari mbere yongeye avuga ko Imana ibikunze iyi ndwi yose ashobora kuyimarana nabo.
Paradise.rw iganira na Theo Bosebabireba biciye kuri WhatsApp, vyagarageye ko Theo Bosebabireba anezerewe cane kandi ko i Burundi hamaze kumubera muhira.
Paradise.rw yipfurije umuririmvyi w’indirimbo zo guhimbaza Imana Uwiringiyimana Theogene ari we Theo Bosebabireba kugira ibihe vyiza no gukomera mu gikorwa c’Imana.
Theo Bosebabireba yaratunguranye mu masengesho y’imisi 21 mu Burundi