× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Yambaye bandage yanditseko Jésus: Rutaha izamu wa Burukina Faso yatangaje abitabiriye igikombe ca Afurika


Yambaye bandage yanditseko Jésus: Rutaha izamu wa Burukina Faso yatangaje abitabiriye igikombe ca Afurika

Ni umunyegori ukomoka muri BurukinaFaso ari munkino z’igikombe ca Afurika kiri kubera muri Côté d’Ivoire yatangaje abantu ibihumbi bitabiriye izo nkino igihe yinjira mu kibuga abanje gufukama agasenga Imana yambaye bandage yanditseko Jésus.

Turi kw’igenekerezo rya 16/10/1996 neza na neza mu gisagara ca Bobo Dioulasso mugihugu ca burukina Faso,aho havuka umuhungu yitwa Hervé Kouakou Koffi. N’umuhungu wa Hyacinthe koffi, uyo muhungu akaba n’umukinyi w’umupira w’amaguru.

Ku myaka yiwe 27 ibiro 80 uburebure bwa metero 1,84cm, uyo muhungu yatangaje abantu ibihumbi bitabiriye inkino z’igikombe ca Afurika ziriko zibera mu gihugu ca Cote d’Ivoire, aho yagiye mukibuga abanje gufukama agasenga Imana yambaye bandage yanditseko Jésus amaboko yose ayadugije hejuru.

Ivyo rero vyatangaje abantu bitabiriye izo nkino mu gihe bari bamenyereye abakinyi benshi cane cane abanyegori bakunda kuja gukina bitwaje ibiheko canke uburozi.

Ariko uyo munyegori we wa burukina Faso agenda yiyambariye igitambara canditseko Jésus, abajijwe impamvu yambaye bandage yanditseko Jésus yishuye itangazamakuru yisunze ijambo ry’Imana riri mu gitabo ca Bibiliya dusanga muri: Luka 9:26.

Rivuga riti: "Kuko umuntu wese ugira isoni zo kunyemera no kwemera amagambo yanjye, umwana w’umuntu nawe azagira isoni zo kumwemera, ubwo azaza afite ubwiza bwe n’ubwa se, n’ubw’abamalayika bera."

Womenya ko imbere yokwinjira mukibuga abanza gufukama agasenga Imana, mbere no muri wa mwanya baba bavuye mu karuhuko kamwe bita mi-temps abanza gufukama agasenga Imana akiragiza Imana muri vyose.

Reka tumwipfirize amahirwe masa muri izo nkino arimwo z’igikombe ca Afurika ziri kubera mu gihugu ca Cote d’Ivoire, Imana ihezagire Afurika yacu.

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is moderated before publication: your contribution will only appear after being validated by an administrator.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.