× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Ntiyampabije Audrey: Ntatahura agacoro k’ubutumwa bwiza atanga yashize hejuru cane icubahiro cy’isi


Ntiyampabije Audrey: Ntatahura agacoro k'ubutumwa bwiza atanga yashize hejuru cane icubahiro cy'isi

Ayo n’amwe mu majambo yavuzwe n’umuririmvyikazi Audrey ubwo yaganira na Paradise.rw

Hari ku musi wambere neza na neza mu masaha y’igitondo, hagati y’isaha icumi n’imwe na cumi na nazibiri. Italiki 14/02/2005 mu ntara ya bururi ikomine ya matana umusozi wa matana centre, aho ni muri iyo ntara iherereye mu bumanuko bushira ubuseeruko bw’uburundi, ico gihe niho isi yakira umuntu adasanzwe yaraje gukora ibidasanzwe.

Ushobora kwibaza uyo muntu ninde?

Amazina yiwe ni Ntiyampabije Audrey avuka mu muryango w’abana 4 abakobwa 3 n’umuhungu 1, avukira muriyo ntara twavuze aho hejuru. Ku myaka yiwe 3 aho ni kuvuga mu mwaka wa 2008 niho yatangura amashure yo kwimenyereza ariyo école maternelle aho bita imatana.

Ku myaka 6 yari atanguye amashure y’intango ariyo école primaire, ntiyigeze asibira mw’ishure kuko kumyaka yiwe 12 yarahejeje primaire, maze akomeza mu mashure y’isumbuye ariyo école secondaire, naho nyene ntiyigeze asibira mw’ishure kuko yari umwana aciye ubwenge.

Ku myaka yiwe 8 niho yamenyeko ingabire yo kuririmba, ico gihe yari muri sunday school mw’ishengero rya anglicane i matana. N’umwana yiga primaire hageze muri examen yo kuririmba yaririmba indirimbo ziwe yiyandikiye,kuburyo naho umwigisha n’abanyeshure batashaka ko aheza kuririmba bitewe n’ubuhanga yari afise.

N’umwana yakuze afise urukundo rwinshi kuburyo bwaho yashobora kureka gufungura akumvako gukina n’abana bagenzi bise. N’umwana yumvako ivyiwe yobiha uwundi atabifise kugira anezerwe.

Bitewe n’akazi papa wiwe yakora bahavuye bimukira ibujumbura,aho nokwibutsako mu mwaka wa 2023 ariho yaheza secondaire. Uyu musi Audrey yiga muri kaminuza y’igenga yitiriwe ibiyaga bigari( université des grands lacs).

Aganira na Paradise.rw yatubwiye vyinshi cane kubijanye n’umwuga wiwe wokuririmba indirimbo mpimbaza Mana, aho yatubwiye ko afise indirimbo nyishi z’uzuye ikaye,aho yatubwiye ko izo afise zansitse neza ashobora gusohora umwanya uwariwo wose,jishika kuri 76 zose.

Tumubajije impamvu ataratangura gukora kugiti ciwe, yatubwiye ko uyu mwaka wa 2024 afise icerekezo cogukora kugiti ciwe kuko yaciye atubwira ko afise indirimbo 3 ziri muri studio mu misi zirasohoka.

Yatubwiyeko kandi ko umuvyeyi wiwe arumwe mubantu bamufasha kwandika indirimbo.
Yatubwiyeko nibwo kenshi akorera cane muri chorale ubu ngo ashaka kwaguka atangure gukora ibikorwa vyiwe yamamaze ubwami bw’Imana.

Twamubajije ico bahuriye ko na Annette Murava umufasha wa bishop Gafaranga, yatwishuyeko ari umwe mu bavyeyi bamuba hafi bakamuhanura mubijanye n’ivy’urugendo ruja mw’ijuru.

Twerekeza ku musozo twamubajije uko abona abaririmvyikazi b’igitsina gore bafatwa cokimwe n’abaririmvyi b’igitsina gabo muri muzika mpimbaza Mana ? Yatwishuyeko ko ingorane ziri kuribo kuko abakobwa n’abantu bashaka gufatwa amaboko yose, kugira bashobore gutambukira mukintu;

Ivyo rero ngo birakora ariko bakagera aho bananirwa kuko mugihe iyo sapoti iba itakiriho bica bibagora,mugihe abagabo bobo ngo bafise gukomera naho bobura sapoti bakomeza bagakora,ariyo mpamvu batangana ariko aho bageze barashima Imana.

Ku ruhande rwiwe yatubwiye ko ahugurukanye sapoti y’Imana kuko arikumwe n’Imana azoshika kure cane.

Mutuntu n’utundi twerekeza ku musozo twamubajije kuvyerekeye inyifato y’umwe mu baririmvyikazi alvella muhimbare igihe vestine and Dorcas bashika mugihugu c’uburundi mu mwaka uheze uko yavyakiriye?

Yatwishuyeko nk’umukobwa aririmba gospel yagize ati:" alvella muhimbare n’umukunzi wanje turakundana ndazi impamvu yabivuze, n’ukudatahura agaciro k’ubutumwa bwiza atanga, yashize hejuru icubahiro ahabwa na level yarakwiye kuba agezeko ataragerako, arico catumye avuga ariya majambo.

Mugabo yarakwiye guhagaciro message atanga kuko message naho yokwakira umuntu umwe ariyivuye ku Mana, Imana iba yashatse uwo muntu nyene. Kandi nawe nyene niyagera kurugezo nkarurya canke agashima kubikora azokoranye abamenyesha makuru bagende bamutegere kukibuga c’indege, ntakibazo kirimwo ahubwo kwabaye ukudatahura agaciro afise mu bwami bw’Imana.Abona umengo arasuzuguritse mu gihugu c’iwabo ariko nibazako yikosoye."

Tumubajije ko yoba yarashatse kumenyekena cane biciye kuri vestine and Dorcas yatwishuyeko atariyo nzira yari kubicishamwo ahubwo yari gusaba agasapotinga muri concert yabo.

Tumubajije impamvu usanga hariho abaririmvyi bataboneka mu biteramo vy’abaririmvyi ba gospel ariko ugasanga baboneka mubiteramo vy’abaririmvyi dukunze kwita ab’isi?

Yatwishuyeko satani yamaze kwivanga muri vyose kandi ko Abo baririmvyi bakagomvye kuzana abari muri mw’isi bakaza mubiteramo vy’abaririmvyi mpimbaza Mana, bagatanga message yokwamamaza ubwami bw’Imana.

Mugisoza Audrey yasavye alvella muhimbare na management yiwe gusaba imbabazi ku makosa yakoze. Yongera ahanura abaririmvyikazi b’indirimbo mpimbaza Mana kureka gisuzugura abanyamukuru babima ibiganiro kuko ivyo ari bimwe mubituma ubwabo bagaruka bakavugako atagaciro bahabwa mugihugu cabo.

Kandi bareke kwifata nk’abaririmvyi bo mw’isi ahubwo bakwiye kumenya agaciro k’ubutumwa bwiza batanga.kuko uretse nokuvugana n’abanyamakuru gusa baba bakwiye guha ubutumwa bwiza iwariwe wese bahuye munzira.

Yarangije asaba abakunzi b’umuziki mpimbaza Mana gushigikira ibikorwa vyiwe bakanamusengera kandi agasaba na sapoti muburyo bw’amafaranga kuko ata management afise. Akaba yasozereye avugako vuba cane agiye gushika mu gihugu c’urwanda.
Imana ihezagire imirimo y’amaboko yiwe.

Aganira na Paradise.rw yatubwiye vyinshi cane kubijanye n’umwuga wiwe wokuririmba indirimbo mpimbaza Mana

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is pre-moderated: your contribution will only appear after being validated by an admin.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.