× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Nibaze twari twarabisengeye - Vestine na Dorcas bategerezanyijwe amashyushyu mu Burundi


Nibaze twari twarabisengeye - Vestine na Dorcas bategerezanyijwe amashyushyu mu Burundi

Ntayindi nkuru iriko iravurwa aho twashoboye guca hose hano mugisagara ca Bujumbura ndetse hari n’abari mu ntara zo hagati y’igihugu bamye bampa amakuru, bambwiye ko ahuca hose ari Vestine na Dorcas babana baririmba neza bazoza ibujumbura.

Aho nobamenyeshako abo baririmvyi bamaze kwigarurira Imitima y’abarundi nka Bose kuko yaba abato n’abakuze abatama n’abatamakazi bose wumva baririmba indirimbo zabo,ahanini barakunda indirimbo yambere hitwa nahawe ijambo.

Abarundi n’abantu basanzwe bakunda gusenga cane ndetse nokuryoherwa cane biciye mu ndirimbo mpimbazamana, twobibutsako ibice birenga 90% mu Burundi ari abakirisito rero ngo bariteguye cane kwitabira ico giteramo ca Vestine na Dorcas kizobera kuri hôtel source du Nil de Bujumbura muburundi.

Abo twashoboye kuvugana harimwo cane cane abakiri bato aho ni nk’abanheshure n’urwaruka rwo mugisagara ca Bujumbura muburundi batubwiyeko gusiba murico giteramo ari nk’icaha kitababarirwa imbere y’Imana.

Aho nobibutsako mugiteramo cabo cambere cabereye muri camp Kigali buca ari noheli y’umwaka ushize hari abarundi bashoboye kuva mu Burundi bagenda mu giteramo cabo ikigali aho bariko bashira album (urukurikirane rw’indirimbo) yabo yambere hanze kumugaragaro yitwa nahawe ijambo.

Rero muvyo twashoboye kubonesha amaso yacu haba nokumbuga za whatsapp abantu benshi usanga kuma statut yabo bashizeko amafoto ya Vestine na Dorcas bayakurikiza amajambo avuga ’’ngo karibu iwacu i Burundi kandi abantu mwese mukunda guhimbaza no gutazira Imana ntimuzosibe muriki giteramo’’.

Hari umukozi w’Imana twavuganye arambwira ngo ’’ ntakuntu bukeye bwaho boca babanzanira kurusengero iwanje nkabakira ko ndabakunda’’.

N’ikibazo nawe uri umwungere w’ishengero iryari ryo ryose woshobora kwibaza bitewe n’ukuntu aba baririmvyi Vestine na Dorcas bigaruriye imitima y’abarundi nka bose, baba abakijijwe n’abatarakizwa usanga bari kuririmba indirimbo zabo.

Ikintu cantangaje n’ukuntu iyo wuriye bus wumva abayunguruza babaza umushoferi ko atandirimbo za Vestine na Dorcas yoba afise akabashiriramwo. Ivyo vyose nibimwe bikwerekako abo baririmvyi Vestine na Dorcas bakunzwe cane mugihugu c’uburundi.

Mukurangiza twobamenyeshako ico giteramo ca Vestine na Dorcas kizobera munyubakwa za hôtel source du Nil de Bujumbura muburundi akazoba ari kumusi wa gatandatu igenekerezo rya 23/12/2023.

Abagitunganije ubwabo tuvugana batubwiyeko kizoba ari igiteramo ciza cane kandi abenshi bazohahembukira muburyo bw’umwuka.

Turangize dushimira abarongoye G.E hamwe n’iradiyo buja FM n’abandi bose bagize uruhara kugura Vestine na Dorcas bazoze murico giteramo mu gihugu c’uburundi.

Twibutse abipfuza kuzoba murico giteramo baba abari hanze y’igihugu ndetse no mugihugu eka n’abari mu migabana hose igize isi, hari uburyo bwashizweho mushobora kugurirako amatike ndetse nokwiyandikisha biciye kuri link muza kubona hepfo y’iyi nkuru.

Kubw’ivyo duhamagarira buri wese kugura nokwiyandikisha hakiri kare kandi iyo link muze murayihana hana muntumbero yokwagura ubwami bw’Imana murakoze.

Abarundi bavuga ko bamaze igihe kinini basengera Vestine na Dorcas ngo bazataramire mu Burundi

Vestine na Dorcas bagiye gutaramira mu Burundi

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is moderated before publication: your contribution will only appear after being validated by an administrator.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.