× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Burundi: Vestine na Dorcas bakiranywe urugwiro bavuga ku ruhisho n’impamvu batabanje kujya Canada


Burundi: Vestine na Dorcas bakiranywe urugwiro bavuga ku ruhisho n'impamvu batabanje kujya Canada

Umunezero mwinshi niwo wagaragaye mu maso ya vestine na Dorcas na Irene Murindahabi ubwo bashika ku kibuga mpuzamahanga "Melichior Ndadaye" ca Bujumbura baje mu giteramo categuwe na Gospel Entertaiment Limited.

Bashitse nk’isaha icenda aho bari barindiranywe igishika n’abantu benshi cane kuko abarundi barabakunda bimwe bishimishije , twovugako hari abantu benshi baje bavuye mu ma karitiye atandukanye y’igisagara ca bujumbura baje gutegera vestine na Dorcas.

Bahashitse banezerejwe no kubona uburyo abarundi baje kubakira ndetse managa wabo Irene agaragazako abarundi ari abana beza cane banakundana anavugako urugendo rwagenze neza kuva ikigali baza iburundi aho yariko yishura kubibazo vy’abamenyesha makuru n’abanditsi kukibuga c’indege.

Bavuye aho kukibuga c’indege batemberejwe mu ma karitiye atandukanye agize igisagara ca bujumbura, aho vygiye bigaragarako abarundi bari bafise inyota yokubona vestine na Dorcas amaso ku maso aho imbaga nyamwinshi yabaturagi bari mu mihanda basuhuza vestine na Dorcas bababwirako bishimye kubabona bari mugihugu ciza c’i Burundi.

Ikintu catangaje abantu ni umu police w’umugore yahagaritse imodoka vestine na Dorcas bari barimo kugira abaramutse anababwira kwabakunda asoza ababwira ngw’Imana ibahe umugisha.

Ikindi catangaje abantu n’ukuntu M. Irene Managae wabo baririmvyi yaciye mukirahuri c’imodoka afotora abaturagi anabafata amashusho kugira azokwereke abatura rwanda uburyo abarundi bafise urukundo rutagira ingano.

Bavuye kuzenguruka mu ma karitiye atandukanye baciye baja kuri hotel source du Nil aho bazokorera ihgitaramo kugira batange ikiganiro kubandi n’abamenyesha makuru bari baraho. Prophete Ambassadeur Modeste ariwe wanabatumiye yatanguje isengesho asengera abaraho bose.

Munyuma abanyamakuru babajije ibibazo bitandukanye aho vyagaragaye ko ibice birenga 95% vy’abanyamakuru bari bahari ari abanyamakuru badakorera iyobokamana.

Ibibazo vyagiye bigarukwaho n’abanyamakuru nibibazo babajije managa uburyo yumva kuba ari iburundi, barabaza uburyo biteguriye iki giteramo.

Mbega ko abana bahejeje ibizamini mumisi ishize boba barashoboye kwitegurira iki giteramo neza? Nacane cane kotuziko vestine azokora ikizamini cya leta? Yishuyeko abana buteguye neza kandi bazabibonera kuri stage.

Ambasaderi wa paradise yabajije Irene ingene abo baririmvyi batumiwe mugiteramo categuwe na TFC muri camp kigali mukwa 11 aho vygaragayeko vestine na Dorcas bashoboye kuva kuri stage bataririmvye indirimbo zose bari bahawe.

Yasubije avugako abateguye igitaramo aribo bashoboye kwica igitaramo kuko ngo ntiwotumira umuhanzi ukomeye urangize ngo umuhagarike uvugiremo amagambo hama ngo bagaruke kandi kuririmba ibyo bigaragaza ko abaririmvyi utabahaye agaciro.

Ibindi bibazo babajije nukuba bazoshobora gukorana indirimbo nabaririmvyi b’abarundi? Yasubijeko hamwe n’Imana bishoboka.

Irene Murindahabi yamenyeshejeko bafise tour bazokora kw’isi ariko bashimye guhera mu burundi kuko uburundi n’urwanda bivuga ururimi rumwe basenga Imana imwe kandi uburundi ari igihugu ciza kandi kiri hafi y’urwanda.

Yanamenyesheje abanyamakuru n’abanditsi ko indirimbo baririmba atari iza vestine na Dorcas ahubwo baririmbira kristo yesu kandi baririmba indirimbo bahabwa n’Imana.
Ibindi bibazo bitandukanye vyabajijwe Irene yishuye avugako bazobibonera mugiteramo kuri stege.

Nikiganiro vyagaragayeko vestine na Dorcas bagaragaje ugutuza cane kuko bavuze amajambo make cane gose. Irene yasoje avugako yishimiye cane kugera muburundi kandi ko bataje muti competition ahubwo baje kuvuga Yesu Kristo.

Prophete ambassadeur Modeste yamenyeshijeko atakinyamakuru nakimwe cemerewe kuzofata amasananu murico giteramo, umunyamakuru wese azoza nk’umuturagi usanzwe ikintu yaciye akorera abanyamakuru bari baje bose yaciye abaha ama invitation kuburyo bazinjira kubuntu batishuye. Ni ikiganiro camaze iminota isaga 25 yonyine.

Bavuye mukiganiro n’abanyamakuru, bahise baja gutanga ikiganiro kuri telwvision ya akeza net ikiganiro kitarengeje hafi iminota 11.

Umunyanakuru Patrick wa Akeza.net yagarutse ku bibazo bisa nivyabajijwe muri conference de presse, aho vyagaragaye ko Vestine na Dorcas basubiza umunyamakuru ibisubizo birimo ubwemge bwinshi kandi mu majambo make cane.

Vestine na Dorcas bavuze ko bishimiye cane kuba baramenyanye na Irene kuko abaha uburere bwiza kandi amaze kubageza ahantu heza cane, kandi bishimiye kugera mu Burundi, inyuma yaho berekeje aho bateguriwe bazamara imisi barara muri hotel iri muri karitiye nziza y’i Bujumbura.

Rero igiteramo kuzoba neza kumusi wa gatandatu italiki 23/12/2023 kuri hotel source du Nil. Reka dusoze dutumira abakunzi b’indirimbo mpimbazamana mwese abari iburundi no mumpande zine zigize isi kuzitabira igitaramo nokugura amatike atarashira.

Vestine na Dorcas barataramira mu Burundi kuri uyu wa Gatandatu

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is moderated before publication: your contribution will only appear after being validated by an administrator.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.