Claudine wo mu itsinda rya Alarm Ministry yafashe indege yerekeza i Burayi.
Ni umukobwa ukunzwe cane mu Rwanda ndetse no mu Burundi kuko ahembura imitima ya benshi biciye mw’ijwi ryiza Imana yamuhaye.
Claudine Mwiza wamenyekanye cane muri Korali Ukuboko kw’Iburyo yo muri ADEPR Gatenga mu ndirimbo Ku kidendezi. Inyuma yaho yagiye agaragara mu mirwi itandukanye yo guhimbaza no gutazira Imana.
Paradise.rw iganira na mutoya we yari yamuherekeje ku kibuga c’indege mpuza mahanga c’i Kigali i Kanombe yatubwiye ko Claudine agiye mu Burayi. Tumubjije igihugu agiyemwo n’uko yoba agiye kubayo, ntiyashimye kubivugako cane.
Mwiza Claudine agiye iburayi mu biki? Agiye mu kihe gihugu?
Nk’uko twabivuze aho haruguru aba muherekeje bo mu muryango wiwe ntibashimye kutubwira igihugu agiyemwo ico bashoboye kutubwira nuko agiye Mu mirimo y’Imana kandi agiye ku giti ciwe atari kubw’umurwi asanzwe aririmbambamwo wa Alarm Ministry.
Aherekejwe n’abavukanyi biwe hamwe n’umuvyeyi wiwe mu masaha y’ijoro niho yurira rutema ikirere ku kibuga mpuza mahanga c’ikigali ikanombe.
Tubibutse ko ubwo Alarm ministry yaheruka Mu Burundi uwo mukobwa mwiza wuzuye umwuka w’Imana Isumba vyose Claudine mwiza yahagurukije imbaga y’abantu ubwo yatangura kuririmba ishengero ryose rigahagurukira rimwe bitewe n’ukuntu ijwi ryiwe rikurura imitima yabenshi.
Reka tumwipfurize kugira ibihe vyiza mu misi azomara i Burayi ikiganza c’Imana kuzobane nawe.
Mwiza Claudine wo muri Alarm Ministry, ukunzwe cane mu Rwanda no mu Burundi yageze i Burayi