× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Burundi: Chanceline Igiraneza "Lachacha" undi mukobwa ufise impano yo kuririmba


Burundi: Chanceline Igiraneza "Lachacha" undi mukobwa ufise impano yo kuririmba

Yageze ku isi y’abazima asanga abavyeyi biwe bamwise Chanceline Igiraneza ariko umuziki umwita LACHACHA.

Mbega Chanceline Igiraneza ninde?

Chanceline Igiraneza Lachacha ni umwana w’umwigeme w’umurundikazi, yavukiye i Burundi mu gisagara ca Bujumbura akaba ari imfura mu muryango w’abana indwi.

Yiga muri kaminuza yitiriwe Ibiyaga Binini (Université des Grands Lacs: UGL) mu mwaka wa gatatu (Bac 3) mu gisata c’Ubutunzi n’Imibare (Finance et Comptabilité).

Chanceline Igiraneza Lachacha uretse ivyo kwiga yoba afise ikindi akora?. Lachacha yabwiye Paradise.rw ko akora umwuga wo kuririmba indirimbo ndoramana.

Tumubajije igihe yatanguriye uwo mwuga yatwishuye ko yatanguye muri uyu mwaka nyene turimwo wa 2023 mu kwezi kwa kabiri.

Yongeye avuga ko kuva akiri muto yari afise ingabirano canke impano yokuririmba muburyo budasanzwe kuko yaririmba muri rya Shure ry’abana bo kuw’Imana (Sunday School).

Afise indirimbo zingahe?

Lachacha yatubwiye ko afise indirimbo imwe ifise amasanamu (Audio & Video). Tumubajije ko afise managimenti yatwishuye ko atayo afise, tumubaza aho yakuye uburyo bwo gukora iyo ndirimbo yatwishuye ko ari abavyeyi biwe bamuhaye uburyo bwo kuja Muri studio.

Twamubajije kandi ingene afadikanya umwuga wo kuririmba hamwe n’amashure atwishura ko bimworohera kuko ikintu cose ukunda kandi wiyumvamwo ukironkera umwanya kandi bikagenda neza.

Iyo ndirimbo yiwe yatubwiye ko abayikeneye boyisanga ku rubuga rwiwe rwa YouTube rwitwa Chanceline Lachacha indirimbo yitwa "Yarantoranije" yakozwe muri studio Key record (audio) hanyuma vidéo yakozwe na Tijos Gastar studio.

Mu gusozera Lachacha tumubajije indodo ziwe naho yipfuza kugera mu mwuga wokuririmba yatwishuye ko Imana imufashije akaronka uburyo ateganya gukora izindi ndirimbo nyishi mu kwezi kwa Gatanu kandi yipfuza kugera kure cane hashoboka ku buryo nawe azosigara afasha abandi banyempano bakagera aho bipfuza kugera nabo.

Yarangije asaba abakunzi biwe ndetse n’abakunda indirimbo "Ndoramana" gukurikirana ibikorwa vyiwe cane cane bumviriza ubutumwa buba birimwo amajambo y’Imana ashikiriza, ndetse n’ubw’abandi baririmvyi Bose bakora indirimbo ndoramana canke mpimbaza Mana kandi ngo bazisangiza n’abandi.

Abashaka kugira ico mwoterera kugira CHANCELINE IGIRANEZA LACHACHA ashobore kugera kure mwoca kuri iyo numero yiwe +257 62 214 230 kandi mugakora na like comenti na share na sabuscribu kuri YouTube yiwe Chanceline Lachacha, tukaba tumwipfurije gukomera mu bikorwa vyiwe no kugera kure ndetse no kuzana benshi ku Mana.

Lachacha afise impano mu kuririmba

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is pre-moderated: your contribution will only appear after being validated by an admin.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.

Ibitekerezo Byatanzwe

Imana Imufashe Cane ndamuzi kandi Ndaziko Afise Impano Dada Dada Courage Tukurinyuma Imana Ikugurura Avec na Zion TV izokubahafi cane Mumisi

Cyanditswe na: Rachidi Loy Promoter   »   Kuwa 06/04/2023 08:52

Imana ikuje imbere

Cyanditswe na: Inamahoro Ange Princia  »   Kuwa 06/04/2023 08:46

Uyo turamuzi n’umwana mwiza ntabibazo yitezaa kuririmba n’impano yiwe pe nuwobura ico aterera muburyo bugaragara yomusengera kugira Imana ukoreshe abandi kandi imwongere umugisha utagabanije changanya wa kwetuuu songa mbelee

Cyanditswe na: Eliphase IRANKUNDA  »   Kuwa 06/04/2023 08:45

Uyo turamuzi n’umwana mwiza ntabibazo yitezaa kuririmba n’impano yiwe pe nuwobura ico aterera muburyo bugaragara yomusengera kugira Imana ukoreshe abandi kandi imwongere umugisha utagabanije changanya wa kwetuuu songa mbelee

Cyanditswe na: Eliphase IRANKUNDA  »   Kuwa 06/04/2023 08:44