× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Victory of Golgotha (VGO) bari mu bikorwa bategura iyindi sinema izosohoka muri rino ci

Category: International News  »  May 2023 »  Editor

Victory of Golgotha (VGO) bari mu bikorwa bategura iyindi sinema izosohoka muri rino ci

Inyuma y’aho basohoreye ireresi yabo ya mbere, umurwi Victory of Golgotha (VGO) uri mu bikorwa utegura iyindi sinema izosohoka muri rino ci.

Uwo murwi watangujwe muri 2021 kuri Eglise du Rocher S.S.I, watangujwe mu ntumbero yo gushikana ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo kure, ugizwe n’abakinyi bashika kuri 30.

Nk’uko bivugwa na Noella HAGABIMANA umwe mu barongozi bawo, intambwe ushitseko barayishima kuko batanguye bakina ibikino bitobito (sketchs) ariko muri 2021 batangura gutegura sinema bise “ Amaherezo y’ikibi" iyo nayo ikaba yasohotse mu mpera za 2022.

Abandanya avuga ko uno mwaka bazosohora sinema yabo ya kabiri izoba yitwa “ Kwihangana kwanje”. Mwomenya ko uwo mugwi uriko urategura umugambi munini wo kuzosohora sinema y’urukurikirane (Séries) nk’uko bitangazwa na Heritage TV Burundi.

Umurwi Victory of Golgotha (VGO)

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is pre-moderated: your contribution will only appear after being validated by an admin.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.