Ni bimwe mu vyashikirijwe mw’ihuriro ry’abakenyezi b’imboneza, ryatunganijwe n’Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu, kuri uyu wa 10 Gitugutu i Bujumbura.
Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu Angeline Ndayishimiye mw’ijambo yashikirije, yamenyesheje abakenyezi b’imboneza ko iryo huriro ari akaryo keza ko guhanahana ivyiyumviro kugira bashike kw’ihangiro ry’iterambere rirama (ODD)
Damien Mama, asanzwe aserukira ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya mu Burundi, yateye intege Uburundi ku ntambwe bwateye mu bijanye ni uko igitigiri c’abasiga ubuzima bariko baribaruka cagabanutse kuva mu mwaka w’2010 gushika 2017, bavuye kuri 500 gushika 334 bafatiye ku rugezo rw’abibaruka ibihumbi 100, co kimwe n’abana bitaba Imana bakivuka, baragabanutse kuva kubice 59 gushika 45 kw’ijana hafatiwe ku bavuka 1.000
Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Sylvie Nzeyimana nawe yamenyesheje ko igitigiri c’abavyeyi bibarukira kwa muganga congerekanye kuva ku bice 60 gushika 84 kw’ijana.
Icegera c’Umukuru w’Igihugu Prosper Bazombanza ari nawe yuguruye icese iryo huriro, yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yagerageje gushiraho ibifasha urwaruka nabakenyezi nko gushiraho ibanki #BIJE ku ruhande rw’urwaruka n’ibanki #BIDF ku ruhande rw’abakenyezi.
Tubamenyeshe ko mu guheraheza uyu munsi wa mbere w’ihuriro ry’abakenyezi b’imboneza, Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu n’abo barikumwe bagenye ibibanza vyarimwo ibidandanzwa bitandukanye (stands),baherekejwe n’umurisho w’ingoma ndetse n’intambo zitandukanye.
Ku bavyeyi ibihumbi ijana bibaruka, abahasiga ubuzima baragabanutse bava ku 500 baja 334
Src: JimbereMagazine