× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Igiswahili gitanguye kwigarura Gospel yo mu Rwanda


Igiswahili gitanguye kwigarura Gospel yo mu Rwanda

Kuba u Rwanda ruri mu bihugu biri mu muryango ugize Afurika y’ubuseruko vyatumye abaririmvyi bamwe bamwe batanguye gukoresha ururimi rw’igiswahili.

Igihugu c’u Rwanda n’igihugu ahanini gikoresha ururimi rw’ikinyarwanda hamwe n’icongereza ahanini indirimbo nyishi z’abaririmvyi baririmba indirimbo mpimbazamana ziba ziganjemwo ikinyarwanda gusa ariko rero muri iyi misi abenshi murabo baririmvyi batandukiriye kuririmba indirimbo mpimbazamana mururimi rw’amahanga arirwo igiswahili.

Akarore turabona umuririmvyi israël mbonyi yaririmvye indirimbo Nina siri maze mumisi mike cane amezi agera kuri ane iba imaze kurabwa nabantu bagera kuri miiyoni 20 aho ni kuvuga ahantu bose baba nko mu Rwanda ugereranije nivyo biharuro yasubiriye asohora iyindi ejo nariko ndayiraba kuri YouTube nsanga mundwi zibiri gusa imaze kurabwa n’abantu bangana miliyoni 3,5 urumva ko ari benshi cane. Aho ugiye kuraba indirimbo yaririmvye zitari mugiswahili uzosanga atagitigiri c’abantu bangana gutyo baraziraba.

Mukwezi kw’icumi muri live recording ya James and Daniella aho bayikorera muri new life bible church kicukiro jewe Niho narindi indirimbo zabo nshasha zari ziganjemwo igishwahili conyene aho novuga nkiyitwa imba eeh roho yangu n’izindi ndetse banafashe izo yaririmvye mukinyarwanda bazihindura mururimi rw’igiswahili.

Ejo bundi ou musi w’Imana uheze muri live recording ya Ben&Chance yabereye muri crown conference hall inyarutarama jewe Niho nari nibereye mundirimbo hafi zitandatu nshasha yaririmvye zine murizo zari mu ururimi rw’igiswahili aho novuga nkiyo bise panapo upendo n’izindi. Itsinda rya papi clever na Dorcas bafatanije na Mercie baririmba igiswahili mundirimbo zitwa iza wokovu.

Umwe mubaririmvyi twashoboye kuganira yaratubwiyeko kuba baririmba indirimbo mpimbaza mana mururimi rw’igiswahili bituma ahantu benshi kw’isi bazomva kuko benshi barumva kandi bakavuga igiswahili cane ico rero nikimwe mubituma abaririmvye bamwe bamwe bo mu Rwanda baririmba indirimbo mpimbaza mana mururimi rw’igiswahili kugira ubutumwa bwiza bwa yesu kristo bugere Kure cane kandi bushikire benshi bashoboka.

Ivyo rero bituma indirimbo mpimbaza mana zigera Kure ngo nacane cane ko u Rwanda ruri mubihugu bigize umuryango sa afurika y’ubuseko kandi muri uwo muryango bakaba bakorsha cane ururimi rw’igiswahili n’icongereza.

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is moderated before publication: your contribution will only appear after being validated by an administrator.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.