Mu ntumbero yo guhimiriza urwaruka kugwanya ikiza Sida benshi kuko ngo basa n’abasigaye bayifata nk’ingwara isanzwe, ikigo Yezu Mwiza gishigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ICAP (International Centre for Aids Programs) kuri uyu wa 30/09/2022 i Gitega barahuje urwaruka mu nkino z’umupira w’amaboko Basketball aho urukino rwanyuma finale rwahuje umugwi wa Young Eagles na Les Dynos.
Mu gukina bagenda babazwa ibibazo ku bijanye no kwikingira umugera wa Sida abatoye ibibazo bagahabwa ubushimwe bugizwe n’ibikoresho vy’ishure
Umugwi wa Young Eagles ukaba ari wo watahukana igikombe uca uhabwa agashimwe k’umupira wo gukina n’ibahasha irimwo ibihumbi amajana ane na mirongo itanu (450.000Fbu), Les Dynos nabo bahabwa umupira wo gukina n’akabahasha
Patiri Désiré Yamuremye arongoye ikigo Yezu Mwiza ati: "Abana nk’aba bataronka inyigisho zijanye n’ukwirinda Sida aho babaye canke biga, rero urwaruka ni rukine rwongera rwigishwa ibijanye no kwikingira umugera wa Sida"
Patiri Désiré Yamuremye amenyesha kandi ko kuvanga inkino n’inyigisho ari uburyo babonye butuma bashikira urwaruka bakabona kubigisha, "uwishuye neza ikibazo akaronka agashimwe kugira ntihagire uwuzokwandura canke ngo yanduze umugera kubera ukutamenya"
Gérard Nibigira, umuyobozi mwishikira mu biro vya Buramatari w’intara ya Gitega ati: "Gukina ni vyiza ariko bakine bazi neza amagara yabo ingene yifashe"
Hari ubindi buryo ubona bwoba bwiza mu kwigisha urwaruka ivy’iyo ngwara
Src: Jimbere Magazine