Muri Live Recording ya Alarm Ministries yariko ibera muri Foursquare Gospel church i Kimironko kuwa 02 Ukuboza 2023, yatumye abantu bose bari baje buzura umunezero
N’igiteramo categerezwa gutangura isaha icumi n’imwe mu masaha y’i Burundi ndetse n’i Kigali mu Rwanda (17h00’) nukuvuga isaha icenda z’umuhingamo mu masaha mpuzamakungu ya GMT (15h00’).
Ariko isaha icumi na zibiri n’iminota itandatu (18h06’) niho abaryosha birori bagera kuruhimbi (stage) bari babiri umwe murabo ya pastor Benjamin Serugo abenshi bazi nka Ben n’uyundi mugenzi we, bafashe umwanya wokuganiriza abari bitabiriye igitaramo bongera barasenga Imana kugira ibane nabo mugiteramo cose.
Bashimiye ubwa mbere abaje kuko ngo baje aribenshi kuburyo batari bavyiteze kuko ari kumusi wagatanu. Bahejeje ivyo bakiriye imirwi y’ayandi ma ministères yaje kubashigikira aho twovuga True promises, Gisubizo ministries, Healling ministries n’abandi batandukanye bari baje ngaho kubashigikira abari bavuye muri leta z’unze ubumwe za America two vuga nka Pastor king n’umugore wiwe n’abandi batandukanye.
Nko muminota icumi abaririmvyi bagize umurwi wa alarm ministries niho bagera kuruhimbi bambaye neza cane bashajije cane batanguza indirimbo nziza yatumye twibuka ibihe vya kera muri gatorika habaho uwuririmbisha abaririmvyi akoresheje ibimenyestso vy’amajwi canke umuziki n’amaboko.
Chance nyirajuru abanshi bazi nka Chance umugore wa pastor Benjamin ariwe Ben niwe yariko aririmbisha iyo ndirimbo bikaba vyagaragayeko afise ubunararibonye mubintu bijanye n’umuziki kuko uravye uburyo yaririmbisha wabonako ari inararibonye muruwo mwuga.
Indirimbo ikurikira yari iyobowe nuwitwa Shaka baririmba neza cane mu majwi meza ameze neza, hanyuma hakurikiye indirimbo yari iyobowe numukobwa akunzwe cane yitwa Claudine Mwiza.
Claudine Mwiza yahoze aririmba muri Ukuboko kw’iburyo yo muri ADEPR mu Gatenga aho yageze ku ruhimbi abantu bose bari mu giteramo bahagurukira rimwe bagaragaza umunezero. Hakurikiyeho indirimbo zibiri zari ziyobowe n’abana b’abakobwa bakiri bato kandi bafise impano nziza yokuririmba .
Abo bavuyeho haciye hakurikira indirimbo yitwa intama mbi yari iyobowe na pastor Benjamin Serugo ariwe Ben abantu bose baravyina bagaragaza umunezero mwinshi Ben ahejeje hakurikiyeho indirimbo yari iyobowe na chance nyirajuru ariwe Chance umugore wa Pastor Benjamin ariwe Ben aho rero wewe yateye abantu bose gukoma akaruru nokuvyinira Imana kurugezo rushimishije.
Indirimbo hanyuma yari iyobowe n’umuntu tutashimye kuvuga izina maze ihagurutsa abantu bose baraho kuko yari mumudiho w’igikongomani niyo indirimbo yasozereje igice ca mbere kuko iki giteramo cari kigizwe n’ibice bibiri arivyo live recording hamwe nuguterama bavyinira Imana igisirimba.
Aho hari isaha zibiri n’iminota mirongitatu mu masaha yabano iburundi ndetse n’ikigali mu Rwanda (20h30’) ariyo sa kumi na zibiri n’iminota mirongitatu mu masaha mpuzamakungu ya GMT (18h30’).
Uko niko igice cambere cagenze munyuma batandukira igice cakabiri cari ciganjemwo gutaramira Imana bakoresheje umudiho w’igisirimba abantu benshi baraho bari buzuye umunezero mwinshi kuburyo igiteramo catanguye bahagaze kirinda gihera bagihagaze kandi bacuzuye umunezero mwinshi cane
Mwomenyako muri izo ndirimbo bakoze habonetsemwo i ndirimbo ziri mu rurimi rw’igiswahili abaraho bose batahanye umunezero mwinshi.
Turangize tubamenyeshako kumusi w’ejo no kumusi w’Imana umurwi w’abanaziri nabo bazoba bafise igiteramo ahonyene kuri foursquare church ikimironko hazoba hatumiwemwo abanaziri bavuye Uganda, Kenya, Burundi n’abandi batandukanye bazoba bahari.
Kandi hazoba hatumiwemwo abakozi b’Imana batandukanye nka Bishop Dr Fidèle Masengo ayoboye foursquare church ikimironko Pastor Christophe wo muri Calvary na Pastor King yaje avuye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Alarm Ministries yahagurukije imbaga y’abantu buzura ibyishimo muri Live Recording