Nk’uko mubizi ko iryo shengero riri mu ndwi y’igikorane ca Pasika uyu musi ugize kabiri ico gikorane gitanguye.
Le 05/04/2023, igihe c’isaha icumi n’iminota mirongwitanu n’itanu (16h55’) yo mu Burundi no mu Rwanda niho umurwi w’abaririmvyi ba Worship Team wagera ku ruhimbi (podium) nk’uko babikoze ku musi wa mbere w’igikorane.
Bahagurukiye mw’isengesho inyuma yaho baririmba indirimbo zitandukanye zo guhimbaza no gutazira Imana. Isaha icumi n’imwe n’iminota mirongwine (17h40’) mu masaha y’i Burundi no mu Rwanda niho umwungere mukuru w’iryo shengero Apôtre Nuru yagera ku ruhimbi (podium).
Yageze ku ruhimbi mu gihe Worship Team yariko iririmba indirimbo imwe yitwa warakoze Mana integuro Yawe ni nziza, ashima Imana kuba yabahaye imvura ariko ntibabuze kuza gusenga.
Mu ndirimbo nziza ya Rehoboth Ministries, Apôtre Nuru ayiririmbana n’ishengero ryose yaciye ahamagara umwungere wa Paruwasi ariwe SIMUBI Chantal asenga isengesho ryo gushimira Imana kuba yabahaye uwundi musi wokuba mu gikorane.
Yashimiye Worship Team kuba yateramishije ishengero ndetse ashimira ishengero ryose muri rusangi kuba ryaje mu gikorane, umwungere mukuru w’iryo shengero Apôtre Nuru yaciye asaba Pastor Consolate gusoma ijambo ry’Imana riri mu butumwa bwiza bwa Yesu Kristo uko bwanditswe na Yohana 1:1-18,
Avuga kuri iryo jambo ry’Imana, yasavye ishengero ngo mw’iyi misi ya Pasika ryemerere Yesu Kristo aryihishurire nk’uko yihishuriye Yohana, yongera kandi ko Pasika ari umuco waje mw’isi kugira umurikire abari mu mw’ijima.
Yaciye asengera ishengero ngo mw’iyi Pasika Yesu Kristo aryihishurire kugira rimumenye vyukuri atari bimwe bumvise mubitabo ahubwo Uwo babonye akora muri bo.
Isaha icumi nazibiri n’iminota murongwibiri n’ibiri (18h22’) mu masaha y’iburundi no murwanda niho yahaye umwanya korari Ushindi kugira baririmbe indirimbo imwe yavuga kugikorwa Yesu Kristo yakoreye ku musalaba koyanesheje kandi vyabahaye kubona agakiza.
UMWANYA WO GUSHIMA IMANA.
Isaha icumi nazibiri n’iminota mirongwitatu (18h30’), wabaye umwanya w’abashima Imana kuvyo yabakoreye. Hakurikira gutangira Imana amashikanwa.
UMWANYA W’IJAMBO RY’IMANA.
Isaha icumi nazibiri n’iminota murongwine (18h40’), umwungere mukuru w’iryo shengero Apôtre Nuru yasengeye umukozi w’Imana maze amuha umwanya wokwigisha.
Umuvugabutumwa bwiza bwa Yesu Kristo yasomye ijambo ry’Imana riri mu cete Pawulo yandikiye Abaheburayo 10:39 yongera asoma mu butumwa bwiza bwa Yesu Kristo uko bwanditswe na Yohana 6:66-68.
URUFATIRO RW’IJAMBO RY’UMISI WA KABIRI:
NTAGUSUBIRA INYUMA.
Iryo jambo ryabaye urufatiro kuri uyu musi ugira kabiri w’igikorane categuwe n’ishengero rya ENHAKKORE CENTER CHURCH IRIBA RY’UWAMBAZA, umuvugabutumwa bwiza bwa Yesu Kristo yabwiye ishengero ko nimba hari ikintu kibabaza ari kubona umukristo asubira inyuma akava mugakiza.
Hari ibintu bisubiza abantu inyuma:
Umuvugabutumwa bwiza bwa Yesu Kristo yaje ava mu gihugu kibanyi c’u Rwanda yitwa Daniel yashimikiye ku majambo dusanga mu cete pawulo yandikiye Abaheburayo 10:39 avuga ukuntu Yesu Kristo yigishije ishengero kugera aho bwira maze abigishwa biwe bamubwira ngo abasezere batahe Kuko bwije kandi atavyokurya bafise vyokubaha.
Maze Yesu abategeka kubagaburira bamubwirako bafise udufi 2 n’udukate dutanu maze arabisengera bararya barahaga baranatahana ibindi birasigara. Bageze mu mihana babwira abandi ivyo Yesu yabakoreye bukeye bazinduka kumuraba ngo nabo babone kuronka amafi n’imitsima ariko ntibabironka maze baca basubira inyuma baritahira.
Abigishwa biwe nabo basubira inyuma mu mitima yabo Yesu ababonye arababaza ati namwe mushaka kwigira? Petero aramwishura ati twokuvaho tukajahe kwari wewe ufise amajambo y’ubugingo?
Yongeye avuga ko muri uru rugendo ruja mw’ijuru umuntu wese n’ikinege, ntawujana n’uwundi umwe wese ni kugiti ciwe, nico gituma umuntu atosubira inyuma ngo kubera kanaka yasubiye inyuma.
GUHARURA 14:4
Aho naho yagarutse kw’ijambo ryitwa INCAMUGONGO ko arikimwe mu bituma abantu basubira inyuma aho yaciye avuga ukuntu abatatsi bavuye gutata ikanani baje batanga inkuru y’icamugongo( y’incavutu) ku b’isirayeli bigatuma basubira inyuma mu mitima yabo, bakipfuza kwisubirira muri egiputa.
Ayo niyo majambo umuvugabutumwa bwiza bwa Yesu Kristo yigishije anarangirizako hari isaha imwe n’iminota mirongwine n’umunani z’ijoro (19h48’) mu masaha y’i Burundi no mu Rwanda.
Mu ndirimbo "Ku gasambi" ya Israel mbonyi niyo yahagurukanye umwungere mukuru w’iryo shengero Apôtre Nuru asengera ishengero kubwiryo jambo ry’Imana ryari rihejeje kuvurwa n’umuvugabutumwa bwiza bwa Yesu Kristo.
Asozera yatanze amatangazo yibutsa ishengero ko igikorane kikibandanya maze yongera arishimira kuba ryatekereje imbere y’Imana arangiza asengera ishengero ritahana umunezero hari isaha zibiri z’ijoro (20h00’) mu masaha y’i Burundi no mu Rwanda.
Umusi wa kabiri w’igikorane categuwe na Enhakkore Center Church Iriba ry’Uwambaza