× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

U Burundi bwatangaje impamvu bwahagaritse igikorane ca Apôtre Mignonne Kabera ciswe Connect Africa Conference


U Burundi bwatangaje impamvu bwahagaritse igikorane ca Apôtre Mignonne Kabera ciswe Connect Africa Conference

Umushikiranganji Martin Ninteretse yahagaritse igikorane Apôtre kabera Mignonne yari agiye gukoresha mu Burundi.

Ushobora kwibaza impamvu yatumye umushikiranganji Martin Ninteretse yahagaritse igikorane Apôtre kabera Mignonne yari agiye gukoresha mu Burundi iyo ariyo bikakuyobera.

Ishengero rya New Creation Church ryo mu Burundi rifadikanije na Apôtre Mignonne Kabera ava mu gihugu kibanyi c’u Rwanda ariko yavukiye mu Burundi bari bateguye igikorane ciswe Connect Africa Conference.

Iryo shengero rero ryari ryarasavye uruhusha ku mushikiranganji Martin Ninteretse muvyo ajejejwe harimwo no gukurikirana ibikorwa vy’amashengero mu Burundi nawe ararubaha hari italiki 28/08/2023.

Icatumye umushikiranganji Martin Ninteretse ahagarika ico gikorane cari kuba kumagenekerezo ya 15 gushika 17 ukwezi kwa 9 ni uko yaje gusanga hari ibintu bidatomoye bijanye no gutangisha amahera mu bazitabira ico gikorane ca Connect Africa Conference.

Iyo niyo mvo nyamukuru yaciye ituma kw’igenekerezo rya 14 ukwezi kwa 9 umushikiranganji Martin Niteretse asohora irindi kete rihagarika ico gikorane.

Umushikiranganji yibukije abarundi ko bashize Imana imbere kandi abarundi bakunda gusenga ariko ko intumbero nyamukuru y’amashengero atari ugutoza amafaranga ahubwo ari ugusanasana no kwegeranya imitima ya benshi biciye mu kubabwira ijambo ry’Imana.

Martin Niteretse amaze guhagarika ico gikorane abatari bake mu Burundi barababaye, ako abandi barabishimye bavuga ko bitari bikwiriye ko amashengero ashira imbere gutoza amahera kuko muri kino gihe abavyeyi benshi bagiye kurungika abana babo ku mashuri.

Amagambo yo mu rurimi rw’Ikirundi, tuyashire mu kinyarwanda, umushikiranganji Martin Ninteretse ati “Tugendeye ku ibaruwa twabandikiye ku wa 28 Kanama 2023 tubemerera uruhushya rwo gukora igiterane ‘Connect Africa Conference 2023 cyateguwe n’Itorero New Creation Church ku bufatanye na Women Foundation,

Cyagombaga kubera i Bujumbura ku wa 15-17 Nzeri 2023, tubabajwe no kubamenyesha ko uruhushya mwahawe rukuweho. Twaje kumenya ko mushaka gukoresha nabi uruhushya twabahaye, binyuranye n’ibyo mwari mwanditse mu ibaruwa isaba mwanditse ku wa 22 Kanama 2023.”

Iki gikorane cari kuba kuva kw’igenekerezo rya 15/09/2023 kugeza kw’igenekerezo rya 17 Nzeri 2023. “Bari batubwiye ko ari ibikorwa by’ijambo ry’Imana, bongeraho ibirori byo gusangira batari batubwiye kandi kwinjira ari amadorali ya Amerika 50, bivuze ko ari ibihumbi 200 FBu.”

Kugera ubu abateguye iki gikorane ntaco batarangaza.

Igikorane ca Apotre Mignonne cyahagaritswe

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is pre-moderated: your contribution will only appear after being validated by an admin.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.