Matergo Hotel yubatswe i Gitega n’ababikira bene Tereziya.
Ni ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 10 Ruheshi 2023 aho umugaba mukuru w’ikirenga w’ingabo akaba na Perezida w’igihugu c’u Burundi yugurura icese ihoteli Matergo yubatswe i Gitega n’ababikira bo mu muryango wa bene Tereziya.
Iyo hotel yubatswe ku murwa mukuru wa politike, Gitega iri muri karitiye musinzira ikaba ifise ivyumba birenga amajana atatu (plus de 300 chambres). Mw’ijambo nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yahikirije ahejeje kwugurura icese iyo ntubakwa y’akarorero kandi iteye igomwe.
Perezida Ndayishimiye yaboneyeho akaryo kugusaba naya mashirahamwe adaharanira inyungu za politike kurabira kuri abo babikira mu gukora ibintu vyiza bohesha ishusho nziza igihugu c’u Burundi cabibarutse aho kwama banegura gusa ibikorwa vya reta y’igitega ahubwo nabo ngo bashireko bakorere ivyiza uburundi.
Umukuru w’igihugu c’u Burundi nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yanditse no mu gitabo c’iteka igihe yariko yugurura icese ihoteli matergo.
Aho twosoboye guca hose aho igitega vyagaragarako abanyagitega bari buzuye akamwemwe kubona ihoteli Matergo iri muntara yabo, kumabarabara hose muntara ya Gitega umutekano wari ucungerewe bihagije abasirikare hamwe nabapilisi nibo bari mu mabarabara uhereye igitega mugisagara ukageza muntara ya Bujumbura aho bita muri gasozo mageyo.
Ambasaderi wa Paradise.rw akaba yari yaraye i Gitega muntubero yo kurondera amakuru yizewe abanje kwishikira ku rubuga.
Ni Hotel nziza cyane