× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Ku ncuro ya mbere Perezida Évariste Ndayishimiye yaganiriye n’imboneshakure ikorera ku mbuga ngurukanabumenyi "Umukubito Tv"


Ku ncuro ya mbere Perezida Évariste Ndayishimiye yaganiriye n'imboneshakure ikorera ku mbuga ngurukanabumenyi "Umukubito Tv"

KU NCURO YA MBERE MU MATEKA Y’I BURUNDI UMUKURU W’IGIHUGU C’U BURUNDI NYENICUBAHIRO EVARISTE NDAYISHIMIYE AGANIRIYE N’UMWE MU RWARUKA AYOBOYE IMBONESHA KURE IKORERA KU MBUGA NGURUKANA BUMENYI.

uste Gaël umunyamakuru ayoboye "Umukubito TV" aganiriye n’umujama w’urwaruka.

Hari kuwa 14 Mukakaro 2023 aho umukuru w’igihugu c’u Burundi nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yari umutumire mu kiganiro Umukubito co ku mbonesha kure Umukubito iyobowe na Juste Gaël.

Hari mu ntara ya karusi aho nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’u Burundi Evariste Ndayishimiye yari yagiye kwimbura amafi asnzwe yororeye Muri iyo ntara.

Abantu benshi batangajwe cane n’ukubona umugaba mukuru w’ikirenga nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye aha ikiganiro umuyabaga akoresha imbonesha kure Umukubito TV, vyari imboneka rimwe mu mateka y’uburundi aho umukuru w’igihugu c’uburundi aha umwanya ungana n’isaha yose akaganira n’umunyamakuru akoresha imbuga ngurukana bumenyi.

Mbega juste Gaël n’umuntu ki?

Juste Gaël n’umunyamakuru akoresha imbuga ngurukana bumenyi ariko yarakoze kuri radio Colombe fm iri mu kigo ca centre jeune mu Kamenge, mu nyuma aravayo ubu akorera iradiyo Buja Fm, akongera akaba umu MC, ivyo vyose abikorana ubwira n’umwete kuko akora ivy’akunda.

Ku myaka yiwe 22 Juste Gaël umunyamakuru ayoboye Umukubito TV yagiriwe amahirwe yo kwakira nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye baganira ibintu bitandukanye ahanini vyerekeye iterambere ry’urwaruka.

Umukubito bisobanura Juste Gaël kandi Juste Gaël yigeze gufungwa mu ntango z’umwaka wa 2022 mu kwezi kwa mbere ariko ntivyamuciye intege yakomeje umwuga wo kumenyesha amakuru nogukora ubu MC.

Baganira na nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye Juste Gaël yibanze cane kw’iterambere ry’urwaruka amubaza impamvu yahisemwo gushira inguvu nyishi mu rwaruka.

Umukuru w’igihugu c’uburundi nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yamwishuye ko abantu bageze mu zabukuru inguvu ziriko zirabashirana rero ko yashimye gukorana n’urwaruka rugifise inkomezi kandi rukunda igihugu rukongera rukihangira imirimo iteza imbere igihugu cabibarutse.

Mugihe dusanzwe tuziko uewaruka rwinshi ubu usanga runywa ibiyayura mutwe rukishinga ibiboreza mbere murivyo biyayuramutwe harimwo ibikorerwa mu Burundi mwebwe nk’umukuru w’igihugu ivyo murabizi muriko mukora iki?

Yavuze ko bizwi kandi hari inzego zibijejwe zibikurikirana mukurwanya ivyo biyayura mutwe mbere hariho n’ibigo bajanamwo imiyabaga ikoresha ivyo biyayuramutwe kugira babagorore. Yaboneyeho n’akaryo ko gukebura abavyeyi batitaho indero y’abana babo bakabakurikirana bakamenya ivyo baba barimwo.

Biciye Mu mugambi wa PAEEJ (Programme d’autonomisation économique et d’emploi des jeunes.)
Uyo mugambi ufasha urwaruka kwiteze imbere nokwihangira imirimo y’amaboko yabo nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yaganiriye Juste Gaël ko urwaruka rwinshi rumaze kugera kuntambwe nziza biciye muri uwo mugambi.

Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yagiye aha uturorero twinshi umunyamakuru tumwereka ingene we ubwiwe yashoboye kwiteza imbere mbere agaha n’akazi abandi.

Yanamubwiye ingene umu injeniyeri muvya umuyagankuba na mekanike yahaye yagize umugambi wo kurima no kworora maze aha akazi aba injeniyeri canke abafundi b’indimo aribo bakagomvye kumuha akazi kokubakorera imashine zirima.

Yaramubajije no muvya politike Ku myaka itatu amaze ari kuyobora igihugu c’uburundi Maze nawe aravugako intambwe ageze ayishima nubwo ataragera aho yipfuza gushikana uburundi n’abarundi.

Umujama w’urwaruka nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yahamagariye urwaruka gukura amaboko mu mpuzu rugakora ibikorwa vy’iterambere rugaha n’akazi abandi ntirugume ruteze amashi abaruha akazi kandi akangurira abavyeyi kwitaho abana babo akaba yarangije ashimira umunyamakuru ayoboye Umukubito TV Juste Gaël ko akora ibiganiro vyiza biteza imbere urwaruka kuko ubwiwe yama abiraba.

Tubibutseko mu vyatumye nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye aganira n’imboneshakure Umukubito TV aruko Juste Gaël yigeze gukoresha ikiganiro umu dogiteri Jackson yaravuye muri Canada agaruka i Burundi akora akazi ko kurima no kworora kijambere ivyo vyatumye nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye nawe abibona maze agendera uwo muganga .

Tubibutse ko Umukubito TV ari imbonesha kure ikorera kumbuga ngurukana bumenyi ikaba ikurikiranwa n’abantu barenga 86.000 abonnés ikaba yatanguye gukora igenekerezo rya 29/3/2019. Imaze gushirako Ama vidéo agera kuri 542 ikaba ifise amvyuzi cank abamaze kuyiraba barenga imiliyoni zitandatu (6.902801).

Ariko n’ubwo biruko hari ibindi binyamakuru vyanenze ingene nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yagiye gukorana ikiganiro n’imboneshakure Umukubito TV kandi isanzwe itazwi n’ikigo c’igihugu kijejwe kugenzura amakuru CNC.

Ku rundi ruhande barashimye cane uburyo nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yashimye gukorana ikiganiro n’imboneshakure Umukubito TV kuko ari imwe munzira yo kwiyegereza urwaruka narirya asanzwe anajejwe urwaruka muraka karere kose. Akaba azwi kw’izina ry’umugenzi w’urwaruka canke umujama w’urwaruka.

Harambe urwaruka rwo Burundi bw’ejo harambe nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu ciza c’uburundi harambe Imana umwami n’u Burundi.

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is pre-moderated: your contribution will only appear after being validated by an admin.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.