Umuntu wese yumvise "Umutaka" abona umwe wo kwifubika imvura canke izuba iyo ryabaye ryinshi, kandi koko nivyo birumvikana.
Ariko "Umutaka" nshaka kukubwira hano ni indirimbo nshasha ya Vestine and Dorcas yasohotse ku musi wa mbere mu masaha y’ikigoroba ku rubuga rwa YouTube rwita MIE MUSIC.
IYO NDIRIMBO YAKIRIWE GUTE MU BURUNDI?
Ico ni ikibazo umuntu wese ashobora kwibaza mu gihe abo bakobwa bo mu Rwanda bakiri bato bakomeje kwigarurira imitima y’abantu benshi mu Burundi ndetse no ku isi yose.
Indirimbo itarakwiza n’amasaha 24 yarimaze kurabwa n’abantu barenga 149k
Aho twagiye turaca hose mu gisagara ca Bujumbura ndetse n’ahandi hatandukanye twaguma twumva amajwi asamirana y’indirimbo UMUTAKA yanditswe na Danny Mutabazi, kandi bikagaragara ko bayikunze.
Abo twashoboye kuganira benshi batugaragarije umunezero mwinshi kuba bari ko barumviriza amajambo y’Imana ameze neza muri iyo ndirimbo UMUTAKA. Abarundi benshi bakomeje kuyinezerererwa.
MBEGA VESTINE NA DORCAS BAZOZA RYARI I BURUNDI?
Ico ni ikibazo Abarundi benshi bakomeje kwibaza impamvu aba bana bataraza mu gihugu c’u Burundi kugira babashe kubateramisha mu ndirimbo zabo nyishi zagiye zikundwa uhereye kurukurikirane rwabo rwambere "NAHAWE IJAMBO" ico rero nawe utari muburundi ndaziko uguma wiyumvira uti mbega bazoza ryari iwacu?.
Reka twitege ko abagize MIE EMPIRE bazovyigako bakazana abo bana mu Burundi mu gihe uwitwa Irène Murindahabi batazira Morodekayi ejo mu kiganiro yashize kuri MIE EMPIRE yavuze ko abarundi nibitegura neza bakabatumira bazoza. Ivyo yabivuze mu gihe yariko yishura ibibazo vyanditswe n’abakunzi b’indirimbo z’abo bana.
Ambasaderi wa Paradise.rw aganira n’abantu batandukanye mu Burundi bamubwiye ko bakunda cane goseeee VESTINE AND DORCAS kandi ngo bihute kuza mu burundi.
Imana ikomeze kuguhezagirira imirimo y’amaboko yabo no kubageza kure cane hashoboka ikiruta vyose izobahe ubugingo budashira.
RYOHERWA N’INDIRIMBO "UMUTAKA" YA VESTINE NA DORCAS