Igikorane cari categuwe n’ishengero rya Enhakkore Center Church Iriba ry’Uwambaza c’imisi 6 cahavuye kiba icimisi 7.
Ni igikorane cari catumiwemwo umuvugabutumwa bwiza bwa Yesu Kristo yitwa Ev John Mbarushimana yari yaje avuye mu gihugu kibanyi c’u Rwanda, ico gikorane cari gifise intumbero ivuga ngo amaze kuzuka yabiyeretse bose ari bazima turakomeza.
Mu bisanzwe cari kumara imisi 6 kugeza kuwa mungu. Ariko vyahavuye biba ngombwako kumusi wa mbere bongerako umusi wo gusenga bafise intego ivuga ngo gukirana na Malayika kugeza agihesheje umugisha.
Uwo musi wa mbere wabaye umusi udasanzwe kubuzima bw’abantu bose bari baje muri uwo mugoroba wo gusenga umukozi w’Imana Isumba vyose yaje avuye mugihugu kibanyi c’u Rwanda yitwa Ev John yaragishije ari Mu nkomezi nyinshi Imana ibana nawe ubwo yavuze ingene yakobo yakiranye na malayika kugeza amuhinduriye izina.
Ivyo vyatumye Ishengero ryose rivugako John adakwiriye gutaha murwanda ahubwo buca baja muri rwandair guhinduza itike y’indege. Umwungere mukuru wa Enhakkore Center Church Iriba ry’Uwambaza, Apôtre Nuru Niyonkuru, yageze ku ruhimbi avugak o ko John atagomba gutaha kuko Ishengero ryose ryashimye ko yo gumana nabo.
Mbega Ev. John yoba yarahinduriwe itike y’indege?
Bitewe nuko mu muryango wa John nukuvuga umugore wiwe n’abakunzi biwe hari ikintu bari bateguye kijanye no kumukorera siriprize ku kibuga c’indege ku musi wa kabiri.
Iivyo vyatumye umwungere mukuru wa Enhakkore Center Church Iriba ry’Uwambaza, Apôtre Nuru Niyonkuru arekura umukozi w’Imana Isumba vyose Ev. John maze afata indege ya RwandAir isaha icenda z’umutaga (15h 00’) mu masaha y’i Burundi no mu Rwanda, ku kibuga c’indege mpuzamakungu citiriwe Melchior Ndadaye maze atahana umunezero ariko yemerera umwungere mukuru w’iryo shengero Apôtre Nuru ko vuba cane azogaruka.
Ishengero ryose ryavyakiriye gute rije rigasanga Ev. John sihari?
Umusi wa kabiri ku mugoroba ishengero ryose ryaraje risanga aho Ev. John yahora yicara hicaye uwundi ariko Apôtre Nuru amaze kubasobanurira uko vyagenze barabitahura maze bakomeza kuba mu bihe vyiza.
Muri make cabaye igikorane ciza cane goseeee mu gihe iryo shengero riri mubihe vyiza vyogusenga Imana kugeza uku kwezi kwose guheze.
Igikorane catumye Enhakkore Center Church Iriba ry’Uwambaza ifata ingingo yo guhinduza itike y’indege