Uyo umuntu wese yumva bavuga abantu bitwa abatwa babona ko ari abantu ataco bamaze kenshi baranakurwa bakabwirwa ko ari abo kubumba inaga gusa, ariko siko biri.
Kamana Epipode ni umwe mu rwaruka rwo mubwoko bw’abatwa yashoboye kwerekana ko abatwa ari abantu b’umumaro mu gihugu.
Epipode Kamana ni nde?
Epipode Kamana yavukiye iburundi muntara ya kayanza ikomine ya muhanga umutumba wa gasenyi ariko aba mugisagara uyu musi.
Akaba ari mu rwaruka rwashoboye kwiteza imbere mukurangura imigambi abo bita ’Les jeunes entrepreneurs’ mu kirimi c’ikinofunofu.
Akaba akorera mu nzu ndangakaranga Musée vivant yo mu gisagara ca Bujumbura.
Akaba abafise ikibanza ca exposition et de vente en objet d’arts kuva mu mwaka wa 2010.
Kuva mu mwaka wa 2016 yatanguje koperative Kobani yabatwa ikorera muri komine giheta umutumba wa ruhanza intara ya gitega, iyo cooperative ikaba igeze kurwego rwiza cane.
Iyo koperative yarashoboye kwiyubakira inyubakwa zayo bwite harimwo icicaro gikuru hamwe n’inzu bigishirizamwo imyuga itandukanye.
Hampande y’ivyo vyose Epipode kamana asanzwe ari umwe mubagize comité exécutif y’ishirahamwe ry’abatwa ADRSEPAL akongera akaba ari mw’ishirahamwe ajamap Burundi ry’urwaruka rukora imyuga mvabwenge.
Kuva mu mwaka wa 2022 Epipode Kamana yatanguje umurwi w’umupira w’amaguru witwa La Colombe FC de Rango ni umurwi w’abigeme usanzwe urimwo n’umwigeme yitwa Tricia wo mubwoko bw’abatwa akaba ari no mwihiganwa rya Miss Burundi 2023.
Uwo murwi w’umupira w’amaguru uriko wifata neza cane Kuko arinawo uri mu mirwi iriko iraserukira komine rango.
Mwihiganwa ryo muhira championa local mucicaro ca 3 3éme division du football féminin mu ntara ya kayanza.
Kumusi wa gatandatu italiki 20/05/2023 uwo murwi ukaba uzotana mu mitwe n’abigeme bo muri komine butaganzwa bakazokinira ibutaganzwa nyene.
Ivyo nibimwe twashoboye kuganira Epipode kamana umwe murwaruka rw’abatwa yashoboye kwerekana ko abatwa nabo ari abantu nk’abandi kandi ko bafise uruhara mwiterambere ry’igihugu.
Mwomenyako umwigeme yitwa Tricia ari mubariko bahiganirwa ikamba rya Miss Burundi 2023 , Epipode kamana ariwe yatumye uwo mwigeme ashobora gutinyuka akabonako nawe ari cokimwe n’abandi bigeme.
Twobamesha ko Epipode Kamana ico ciyimviro yagitanguye mu mwaka wa 2021 maze agishikiriza abavyeyi ba Tricia nabo bacakirana umunezero maze gutyo Tricia abona kuja mubigeme beza bakaranga kandi baciye ubwenge bariko bahiganirwa ikamba rya Miss Burundi 2023.
Vuba Cane tuzobabwira vyinshi ku bikorwa vya Epipode Kamana, Paradise.rw ikaba imwipfurije gutera imbere ateze imbere n’igihugu camwibarutse.
Epipode Kamana yashoboye kwiteza imbere