× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Burundi: Menya vyinshi kuri Messenger’s Voice Choir igizwe n’urwaruka rukijijwe


Burundi: Menya vyinshi kuri Messenger's Voice Choir igizwe n'urwaruka rukijijwe

Iyo umuntu avuze iryo zina Messenger’s Voice, abeshi mu baba mu gihugu c’u Burundi bahita batahura neza ko ari umurwi nyobokamana ugizwe n’urwaruka (urubyiruko), rukijijwe rukunda Imana kandi rufise intumbero yo kugera kure cane.

Abavyeyi biwe bamwise NDAYIKUNDA Hervé ariko umuziki umwita "COSTT". Uyo niwe watanguje uyu murwi wa Messenger’s Voice mu gihugu c’u Burundi.

Ico gihe hari mu mwaka w’ibihumbi bibiri na mirongwibiri na rimwe (2021) aho COSTT yatanguza uwo murwi ugizwe n’abahungu 4 n’umukobwa 1, bose bakijijwe kandi basengera mu mashengero atandukanye.

VIZIYO (INTUMBERO) NI IYIHE?

Umuyobozi w’uyo murwi aganira na Ambasaderi wa Paradise.rw akorera i Burundi, yamubwiye ko uyo murwi nyobokamana wabayeho wisunze ijambo ry’Imana dusanga mu gitabo ca kabiri c’i Korinto ( 2 Ab’ikorinto 5:20) "TWE TUR’INTUMWA MUGISHINGO CA KRISTO YESU".

Viziyo yabo niyo kuzana beshi bashoboka mu gakiza biciye mu mpano Imana yashize muri bo.

Akomeza kutuganirira yatubwiye ko ica mbere co kwari vyiza gukorana n’abantu bahuje ivyiyumviro bashaka kugera ku ntumbero imwe kanaka.

Yakomeje avugako bari kumwe bahuje umutima n’inama biyubaka impwemu zabo bakagera kure n’ayandi ma gurupe (imirwi) y’urwaruka bari mu bindi. Abakomeza avuga ko igikorwa cabo ari ico guhindura amahanga yose kuba intumwa za Yesu Kristo.

Tumubajije ku bikorwa boba bamaze gukora bigaragara, yatubwiye ko atavyo.

Tumubajije ikibuze kugira ngo bisohoke yatwishuye ko habuze uburyo (amafaranga, ibikoresho, n’ibindi...), ati "Nta kintu kirasohoka, ariko turavyiteze ko muri uku kwezi kwa kane n’ukwa gatanu dutegerezwa kuja muri sitidiyo gusohora indirimbo zacu kuko zirahari nyinshi.

NONE N’IKI WOSABA ABAKUNZI BANYU?

Yatwishuye ati: "Si bayikunda botera inkunga (investir) ku bantu basanzwe bafise impano canke umuhamagaro wo kuririmba gospel kugira ibikorwa vyabo bisohoke bije ku mugaragaro nabo barushirize guhezagirwa."

Mu gosozera umuyobozi wa Messenger’s Voice, HERVÉ COSTT yatubwiye ko uwo murwi wabo usanzwe ukora n’igikorwa c’ivugabutumwa (évangélisation) aho bagenda basanga abantu iyo bari bakababwira ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo.

Abakunzi ba Gospel music mufashe uyu murwi ubone uko woshikana benshi mu gakiza.
Uwushaka kugira ico yoterera kuri Messenger’s Voice yo hamagara kuri iyo numero
+257 65 723 170 ni iya COSTT umuyobozi w’umurwi.

NDAYIKUNDA HERVÉ AKA COSTT umuyobozi wa Messenger’s Voice

Messenger’s Voice bavuze ko nta kintu kirasohoka, ariko baravyiteze vuba

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is pre-moderated: your contribution will only appear after being validated by an admin.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.

Ibitekerezo Byatanzwe

Ndabakeje cane bavukanyi IMANA ibashoboze
muri vyose nabashimira kuntambwe(étape) mugezeko média zirabiteze nigishika murekure ibintu dutezany’imbere muguhindura Nations kuba aba disciples ba christ
Mwarahezagiwe

Cyanditswe na: Nzenze   »   Kuwa 05/04/2023 07:26

Turashimira uwo murwi ukungene ukora ibikorwa vya Data
Tukabasaba yuko bokomeza igisata ca evengerisation kuko babikora nezaa
Kandi nogushira ahabona impano yabo yo kuririmba
Mutere muja imbere tubari inyuma
Murakozee mwarahezagiwee

Cyanditswe na: Elvis   »   Kuwa 04/04/2023 15:36