× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Burundi: Inyigisho z’Abarongozi zateguwe na I.C.J - Ambasaderi wa Paradise.rw yabajije ikibazo cakoze kuri benshi


Burundi: Inyigisho z'Abarongozi zateguwe na I.C.J - Ambasaderi wa Paradise.rw yabajije ikibazo cakoze kuri benshi

Ishirahamwe I.C.J Fondation ryo mu Burundi ryaratunganije Inyigisho z’Abarongozi.

Iryo shirahamwe rukristo rijejwe kwigisha abarongozi uwo musi ryatunganije Inyigisho z’Abarongozi b’Amashengero zifise urufatiro "INYIGISHO ZO GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA BA YESU KRISTO".

Ambasaderi wa Paradise.rw yahashitse isaha zitatu zo mu gatondo (9h00’) mu masaha y’i Burundi no mu Rwanda mu gihe izo nyigisho zatanguye isaha zitatu n’iminota mirongwibiri n’umwe (9h21’).

Izo nyigisho zatangujwe n’isengesho ry’umwigisha yaragiye kwigisha izo nyigisho Ari INGABIRE Parfait umu Papa w’abana 2 umuhungu n’umukobwa n’umugore umwe.

Batangije Parfait yababwiye ko izo nyigisho zigizwe n’ibice bitatu
1. Igice co gushika no kuraba ikibanza.
2. Kwakirana no kumenyana umwidondoro.
3. N’iki catumye bahura?

Bahejeje kuraba ikibanza no kumenyana, hakurikiyeho gusigurirwa iryo shirahamwe rukristo iryariryo.

Intumbero y’inyigisho ni ugutunganya inyigisho zo gukarihiriza ubwenge abantu bakora ibikorwa mu rusengero.

None ivyo bikorwa vyose bikorwa bifise iyihe ntumbero?

Yavuze ko bisunze ijambo ry’Imana Yesu Kristo yavuze ngo guhindura abantu kuba abigishwa biwe. Yaciye ababwira ko uwo musi ari uw’intangamarara.

Umurongo w’urufatiro uri mu butumwa bwiza bwa Yesu Kristo uko bwanditswe na Matayo 28:16-19 aho Yesu yarungika intumwa guhindindura abantu bose kuba abigishwa biwe. Umwigisha wizo nyigisho yababwiye ko bafise igikorwa co guhindura abantu kuba abigishwa ba Yesu Kristo.

IGIKORWA NYAMAKURU

Muhindure amahanga yose abigishwa. Yesu yababwiye ko bazobikora gute?. Kubabatiza mw’izina rya Data wa twese niry’umwana nirya Mpwemu Yera. Yabibukije ko kubatizwa ari igikorwa kigaragara gishingira intahe igikorwa kitaboneka Kiba cakorekeye ibwina mu Mutima w’umuntu.

Yibukije abitavye izo nyigisho ko kubatiza canke kubatizwa umuntu abatizwa ubwa mbere acemera kwakira Yesu Kristo nk’umwami n’umukiza w’ubugingo bwiwe ibisigaye aba ari ikimenyetso kigaragara. Mubigishe kwitondera ivyo nahageze vyose bisigura ngo muhejeje kubabatiza mubigishe kwitondera ivyo nbageze vyose.

Nirihe sezerano Yesu Kristo yasezeraniye abigishwa? "UMVE NDI KUMWE NAMWE KUGEZA KUMUHERO W’ISI".

Yababwiye ko kandi izo nyigisho ziri mu bitabo 4 :

1. Uburyo bwo gukora.
2. Urufatiro
3. Iyerekwa
4. Kwigwiza.

Yababwiye ko kandi bazoganda biga igitabo kimwe kimwe n’ibikirimwo vyose kugeza babihejeje, mwibuke ko izo nyigisho zari zihuriyemwo abapasiteri, aba apôtres n’abandi bayobozi batandukanye bo mu mashengero.

Yegereza gusozera yababwiye ko ivyo bitabo vyose bazorabirahamwe: Uko Yesu Kristo yabikoze, uko intumwa zabikoze n’uko nabo bobikora.

Basozereye bahahana ivyiyumviro hamwe nokubaza ibibazo. Murako kanya Ambasaderi wa Paradise.rw, Ev. Furaha NAHIMANA MUGISHA, yabajije ikibazo cakoze kuri benshi.

Ati "Mbega uyo umuyobozi w’ishengero yahukanye arafise uburengerenzira bwo kuguma murayo mabanga? " Ni ikibazo cagoranye gutorera inyishu.

Barangije basenga Imana bose bataha babwireko bazotumwako kugira babandanye inyigisho.

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is pre-moderated: your contribution will only appear after being validated by an admin.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.