Ijambo inganji ivuye mu rivuga kuganza, mu yandi majambo ni ugutegeka (ubutegetsi) canke kuyobora (igihugu, ishirahamwe, n’ibindi...) Ariko uyu mwanya inganji nje kukubwira sivyo mvuze aho haruguru.
Inganji n’ishirahamwe rukristo ry’abahinga mva bwenge (Association des artistes chrétiens), ryatanguye mu mwaka w’ibihimbi bibiri na gatatu (2003).
Ico ikibazo uwariwe wese ashobora kwibaza cane kugira ngo amenye iryo shirahamwe. Iryo shirahamwe rukristo icicaro caryo kiri mw’irohero kw’ibarabara ry’ubuserukizi bw’ubufaransa mu Burundi (ambassade de la France au Burundi), neza na neza mukigo c’ishengero rya Anglicane mu Burundi.
Iyerekwa ryaro ni irihe?
Pastor Joyeux-Blaise Ntibareha ariwe yatanguje iryo shirahamwe kandi akaba arinawe ari rongoye avugako ari kwigisha abahinga mva bwenge nokubahugura.
Ibikorwa vyiryo shirahamwe rukristo ni ibihe?
Kwigisha abahinga (artistes) ivy’impano zabo yaba Mu mpwemu canke mubuhinga kugira bashobore kuzana impinduka nziza aho babaye, no mu mashengero barimwo.
Iryo shirahamwe rukristo rirafise n’ishure ryitwa IWA (Inganji Worship Académie) rifasha abahinga (artistes) kubahingura no kubahugura.
Iryo shirahamwe rukristo kandi riranategura rimwe mu mwaka igikorwa citwa "Inganji Festival" mu ntumbero yoguha akaryo izindi ngabire Imana yashize mu bantu, kugira bashobore gushigikira mu kwagura ubwami bw’lmana.
Ikindi gikorwa iryo shirahamwe rukristo rihora rikora citwa "Nawe Baho Neza" rigikora mu ntumbero yogufasha abakene , ariko cane cane vyubakiye ku buhinga (art).
Ico gikorwa gifitaniye isano na inganji festival aho hari ibikorwa bisa vyateguwe mu kwegeranya uburyo bwo gufasha abana bo mu mabohero atandukanye yo mu gihugu, abarwayi bari mu bitaro batishoboye, n’abandi...
Mbega hoba hari ikintu kidasanzwe bateguye gukora uyu mwaka?
Muri uyu mwaka wa 2023 iryo shirahamwe rukristo ryateguye Inganji Festival kuncuro ya kabiri (2ème édition), ikazotangura kw’igenekerezo rya 28/05/2023 gushika igenekerezo rya 08/06/2023 ibujumbura.
None ivyo bikorwa bizoba bitunganijwe gute?
Ibikorwa bitunganijwe uku gukurikira :
Italiki 28/05/2023 hazoba Art business conference izotangura isaha icumi n’imwe (17h00’) gushika isaha imwe n’iminota mirongwitatu z’ijoro mu masaha y’iburundi no murwanda (19h30’) kuri king’s conference avenue du large.
– Italiki 02/06/2023 hazoba soirée de gala izotangura isaha zitatu z’ijoro (21h00’) gushika isaha zitandatu z’ijoro (00h00’) mu masaha y’iburundi no murwanda kuri 1/12 stones innovation center, aho kwinjira ari guterera amahera angana 600.000fbu, 1.000.000fbu, na 1.500.000fbu.
– Italiki 04/06/2023 hazoba igikorwa co guhimbaza no gutazira Imana bitiriye Worship Like Never Before kizobera kw’ishengero Life center nyakabiga guhera isaha icumi n’imwe (17h00’) gushika isaha imwe n’iminota mirongwitatu z’ijoro (19h30’) mu masaha y’i Burundi no mu Rwanda.
– Italiki 08/06/2023 hazoba inyigisho z’abahimbaza Mana Gospel Artist Workshop kuri CLM ( ex odéon) guhera isaha zibiri zo mugatondo (8h00’) gushika isaha icumi ’umuhingamo (16h00’) mu masaha y’iburundi no mu Rwanda.
Inganji rero ihari nk’abahinga (artistes) mu ntumbero yo kugira ico iterereye kugira ikibano kibe ciza cane. Bidahindutse umu ambasaderi wa paradasi rwanda mu Burundi Ev FURAHA NAHIMANA MUGISHA azoba ahari kugira amenye neza ibizoba vyabereye murivyo bibanza vyose.