Umuririmvyi w’indirimbo zo guhimbaza Imana akomoka mu gihugu kibanyi c’u Rwanda yitwa Claudine Mwiza, ejo azoba ari ku butaka bw’i Burundi.
Aganira na Paradise.rw kuri Whatsapp, Claudine Mwiza yatubwiye ko ku musi w’ejo azoba ari ku butaka bw’i Burundi. Umu Ambasaderi wa Paradise.rw ari i Burundi yamubajije ikizoba kimuzanye kwari ukuririmba canke kuramukanya ariko uwo muririmvyi ntaco yashimye kubivugako.
Twongeye turamubazako azoca mu kirere nukuvuga kwazoza mu ndege canke aze na Volocano, naho nyene ntaco yashimye kubivugako, gusa yatubwiye ko ejo mu gatondo ariho bazohaguruka bava i Kigali bagana i Bujumbura.
Uwo muririmvyi abantu benshi bamuzi mu ndirimbo za korari Ukuboko kw’iburyo yo mw’ishengero rya Pentecôte ryo mu Rwanda aho bita ADEPR Gatenga. Yaririmvye indirimbo zitandukanye zo guhimbaza Imana muri iyo korari harimwo "Ku kidendezi", "Ibyiringiro by’ubuzima" n’izindi zitandukanye.
Turanakunze kumubona amfashanya n’iyindi mirwi myinshi itandukanye y’abaririmvyi baririmba indirimbo zo guhimbaza no gutazira Imana aho twovuga nka James and Daniella, Chance and Ben, Prosper Nkomezi, muri Alarm Ministries n’ahandi henshi bitewe n’impano nziza yo kuririmba indirimbo ndoramana canke mpimbaza Mana afise.
Twobibutsa ko uyo muririmvyi w’indirimbo zo guhimbaza Iman, Claudine Mwiza yaheruka mu Burundi mu mpera z’umwaka uheze wa 2022 aho hari mu kwezi kwa 12 aho James and Daniella bari baje mubiteramo vyari vyabereye ibujumbura.
Aya n’ayandi ni kumusi w’ejo aho tuzoba twagiye kumwakira niho tuzomenya vyinshi cane kubizoba bimuzanye mugihugu c’uburundi.
Kandi atwandikira kuri whatsapp nubwo atadutomoreye neza bigaragarako hari umurwi w’abaririmvyi azoba azananye nabo ivyo tuzobibamenyesha munkuru yacu y’ejo.
Paradise ikaba yipfurije uwo muririmvyi kuzogira urugendo rwiza Kandi Imana ihezagire ibikorwa vy’amaboko Yiwe.
Wow she is loved