Amakuru twahawe n’umwe mu bariko bategura ico gikorane c’umusi umwe, ari we Pastor David wo mw’ishengero rya Holy Center i Bujumbura mu ngagara yatubwiye ko ico gikorane categuwe na PENUEL MISSIONARY CHURCH.
Pastor David yabwiye Paradise.rw ko icyo gikorane gifise intumbero yo gutegura abavugabutumwa kuko ivyimburwa ari vyinshi abibunzi akaba ari bake cane.
Yavuze ko bisunze, ijambo ry’Imana riri mu butumwa bwiza bwa Yesu Kristo uko bwanditswe na Matayo 28:28 ngo mugende mu mahanga yose muhindure abantu bose kuba abigishwa banje abizera, mu babatize mw’izina rya Data wa twese umwana na mpwemu yera.
Ni naco gituma baciye bagiha icivugo kivunga ngo "AMAVUTA Y’URUGENDO."(Yesaya 66:19).
Yatubwiye kandi ko hazoba harimwo abakozi b’Imana bavuye mu gihugu kibanyi c’u Rwanda nka Pastor Bruce, Pastor Rebecca, Pastor Rose, abo Bose bazoba bahari. Kandi hazoba hari na Pastor Peter na Pastor David bo mw’ishengero rya Holy Center.
Yatubwiye ko hazoba hariho abaririmvyi batandukanye nka Yanick Ulter, Danny Worship, Divine Light hamwe n’Abanaziri.
Ico gikorane kikazoba ku musi w’Imana italiki 16/04/2023 isaha icenda (15h) mu masaha y’i Burundi no mu Rwanda, kikazobera kw’ishengero rya Holy Center mu Ngagara.
Tubamenyeshe ko Paradise.rw iserukiwe na Ambasaderi wayo mu Burundi Ev. Furaha NAHIMANA MUGISHA azoba ahari kugira amenye neza ibizoba vyabereye muri ico gikorane.
Ni igikorane kizoba ku munsi w’Imana
Ni iciyumviro ciza cane kuko Imana ntabo Igombako abanyavyaha bahona ariko Igombako bakira agakiza bagashika kukugororoka
Ni iciyumviro ciza cane kuko Imana ntabo Igombako abanyavyaha bahona ariko Igombako bakira agakiza bagashika kukugororoka