Compagnie de Debora "Umuteramyi", ni imwe mu ma ministères akomeye mu gihugu c’u Burundi kandi imaze imyaka myinshi ikora ivugabutumwa mu gihugu c’u Burundi.
Compagnie de Debora Umuteramyi yarimwo abantu bakomeye haba mu gihugu nk’uwahoze ari umupfasoni w’icegera ca kabiri Alphonse Marie kadege umudamu wiwe yarimwo n’abandi batandukanye.
Yafashije gusana imitima y’abarundi benshi ubwo bari mubihe bitoroshe vy’intambara, ariko ikomeze kwigisha ivugabutumwa mugihugu c’uburundi ubwo hari mubihe bitoroshe. Niyo yateguye igikorane c’ivugabutumwa n’amasengesho akibiyemo gusengera igihugu.
Pasteur Déborah Mukamurenzi niwe mutumirwa mukuru murico gikorane categuwe na compagnie de debora umuteramyi.
None Pasteur Déborah Mukamurenzi ni muntu ki?
Abantu benshi bamumenye ubwo yashira ubuhamya bwiwe hanze kumbuga ngurukana bumenyi avuga uburyo ubuzima bwiwe ataramenya Yesu Kristo bwari bumeze.
Ico gihe yavuze ingene yarongowe ariko umugabo wiwe amahohotera amuziza ko yavyibushe cane goseeee maze ku musi wo kwerekana umwana canke gosohora umugabo wiwe yerekanye undi mukobwa bagiye kubana.
Aho ubuzima buba butanguye kuba bubi kuri pasteur Déborah Mukamurenzi, kandi yari yavutse mu muryango wo mw’idini rya islamu.
Pasteur Déborah Mukamurenzi yaciye mu bihe vyinshi kandi bibi cane yagiye mubihugu bitandukanye ndetse we ubwiwe yarabonako bitamworoheye. Yagerageje guhinduza ubwene gihugu n’ibindi.
Muriyo ntahe yiwe mwibukeko yigeze vutanda idolari ibihumbi 6 aziha umwana w’umuhungu muri Soudan ngo amutere inda nawe amwanduze umugera wa sida.
Ivyo vyose vyabaye kuri Pasteur Déborah Mukamurenzi ico gihe ariko munyuma Imana iza kumuha amahirwe yakabiri yakira Yesu nk’umwami n’umukiza w’ubugingo bwiwe ubu ni Pastor Déborah Mukamurenzi avuga Yesu Kristo afise na ministère yitwa Second Chance.
Ku musi w’ejo hahise italiki 5/7/2023 niho Pasteur Déborah Mukamurenzi ari kumwe n’umugabo wiwe hamwe n’umukobwa wiwe Miss Keza bagera ku mupaka wa Gasenyi memba mu kirundo aho bakiranywe umunezero mw’inshi n’abagize compagnie de debora umuteramyi.
Aho rero uwo musi nyene niho pasteur Déborah Mukamurenzi yari yizihiza isabukuru yiwe y’amavuko ubwo iyo sabukuru akaba yayihimbarije iburundi n’umutware wiwe n’umukobwa wiwe Miss Keza.
Ico gikorane kizobera hehe?
Ico gikorane kizobera ku kibuga c’ikambi y’igisirikare c’aba paracomando bita camp muha. Ambassadeur wa Paradise.rw mu Burundi ubwo yavugana n’umwe mu bateguye ico gikorane kizobera ku kibuga c’ikambi y’igisirikare c’aba paracomando bita Camp Muha;
Yabwiwe ko hari urupapuro rubaha uruhusha ruvuye ku mugaba mukuru w’igisirikare c’u Burundi batari bwasinyirwe, ariko ministre w’intwaro yo hagati mu gihugu yaribahaye uruhusha umukuru w’igisagara yarabahaye uruhusha ivyo yabivuze kumusi wakabiri ariko ubu n’amahoro igikorane c’imisi 2 kiraba.
Ico gikorane rero hazobamwo gusengera igihugu c’uburundi cane goseeee ndetse akarere kose ka afrika y’ubuseruko kuvuga ivugabutumwa abantu bakakira Yesu Kristo, abantu benshi biteguriye ico gikorane Kuko basanzwe banakunda pasteur Déborah Mukamurenzi cane bitewe n’ubuhamya bwiwe.
Nimugihe mu gihugu c’u Burundi hagiye kubera ibikorane vyinshi bitandukanye tuzogenda tubabwira amakuru yavyo uko ivugabutumwa mugihugu c’u Burundi rizoba ririgukorwa.
Compagnie de Deborah yateguye igikorane gikomeye